Moses Waiswa, umukinnyi wo hagati wa Uganda wavunikiye mu myiteguro, ntakitabiriye imikino y'Afurika

Moses Waiswa ntagikiniye Uganda mu mikino y'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu kubera imvune

Ahavuye isanamu, FUFA

Insiguro y'isanamu, Moses Waiswa ntagikiniye Uganda mu mikino y'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu kubera imvune

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Uganda (FUFA) ryemeje ko umukinnyi wo hagati w'ikipe y'igihugu ya Uganda, Moses Waiswa, atakitabiriye imikino y'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu izatangira mu Misiri muri uku kwezi kwa gatandatu kubera imvune yagize mu ivi.

Waiswa w'imyaka 22 y'amavuko, yavunikiye mu murwa mukuru Abu Dhabi wa Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu (United Arab Emirates) aho iyi kipe iri mu myiteguro.

Iri rushanwa rizatangira ku itariki ya 21 y'uku kwezi kwa gatandatu rirangire ku ya 19 y'ukwezi gutaha kwa karindwi.

Ku rubuga rwa FUFA, Ahmed Hussein ushinzwe itangazamakuru muri iri shyirahamwe yagize ati: "Itsinda rishinzwe imyitozo mu ikipe ryemeje ko uyu mukinnyi atazongera kwitabira indi myitozo i Abu Dhabi nyuma y'isuzuma ry'abaganga".

Hussein yongeyeho ati: "Hari kurebwa uko yasubizwa mu rugo ngo akomeze kuvurirwayo no koroherwa imvune".

Waiswa yafashije ikipe akinamo ya Vipers SC gutwara igikombe cya shampiyona yo mu mwaka w'imikino wa 2017-2018, ndetse yatowe na FUFA nk'umukinnyi w'uyu mwaka muri Uganda.

Yakinnye imikino yose Uganda yakinnye mu gushaka itike yo kwitabira imikino y'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu cy'uyu mwaka.

Imisambi ya Uganda - nkuko ikipe y'igihugu yitwa - izatangira imikino yo mu itsinda ryayo rya A ikina na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo ku itariki ya 22 y'uku kwezi kwa gatandatu, mbere yo gukina na Zimbabwe iminsi ine nyuma yaho, ndetse na Misiri ku itariki ya 30 y'uku kwezi.