Diego Maradona yemeye ko afise abandi bana batatu mu gihugu ca Cuba

Maradona yemanze ko afise abandi bata batatu muri Cuba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Maradona yemanze ko afise abandi bata batatu muri Cuba

Uwuburanira Diego Maradona yahoze ari umukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru mu gihugu ca Argentine, avuga ko uyo mukinyi yiteguye kwemanga ko ari se w'abandi bana batatu bo mu gihugu ca Cuba.

Abo bazoba baje biyongera ku bandi batanu asanzwe afise aribo Dalma, Gianinna, Diego Junior, Jana na Diego Fernando.

Ivyo bivuga ko Maradona ubu afise imyaka 58 y'amavuko akaba yigeze gutwara igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru agiye kuba se w'abana umunani.

Ubwa mbere yari yahakanye ko atabandi bana yari afise kiretse abo bari bavyaranye n'uwahoze ari umutambukanyi wiwe.

Matias Morla asanzwe amuburanira, avuga ko Maradona yiteguye gufata urugendo ruzomushikana mu gihugu ca Cuba mu mpera z'uno mwaka, kugira afatwe ibipimo vya ADN maze yemange ko ari we se w'abo bana.

Abo bana bivugwa ko yoba yabavyaranye n'abakenyezi babiri bashobora guca bafata izina ryiwe.

Diego Maradona yarabaye muri ico gihugu hagati y'imyaka ya 2000 na 2005 mu gihe yari kwivuza indwara ivuye ku kunywa ibiyayuramutwe.

Yarunze ubugenzi na Fidel Castro yari arongoye igihugu ico gihe, aho mbere yafashe igicapo (Tatouage) c'uwo mutegetsi akagishira ku kuguru kwiwe.

Maradona yari yabanje guhakana ko ata bandi bana yari afise hampande ya babiri, Giannina w'imyaka 29 na Dalma w'imyaka 31, bompi akaba yabavyaranye na Claudia Villafañe imbere y'uko bahukana mu 2003 inyuma y'imyaka 20 bubakanye.

Ariko kuva ico gihe, yahavuye yemera ko ariwe se w'abandi babiri, Diego Junior w'imyaka 32 na Jana nawe w'imyaka 22, bibanje guca mu manza hagati yawe na ba nyina b'abo bana.

Maradona kandi yaremeye ko ari we se w'uwundi mwana, Diego Fernando afise imyaka itandatu y'amavuko, yavyaranye na Veronica Ojeda bigeze kubana hanyuma bagatandukana mu mwaka wa 2014.