Uefa yashigikiye icemezo c'ubuhinga bwa VAR cahaye Man United penaliti yakuyemwo PSG

Ishoti rya Diogo Dalot ryakubise ukuboko kwa Presnel Kimpembe, igihe United yariko iratsindwa 3-2 ku nkino zombi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ishoti rya Diogo Dalot ryakubise ukuboko kwa Presnel Kimpembe, igihe United yariko iratsindwa 3-2 ku nkino zombi

Uefa yashigikiye icemezo c'ubuhinga bwa VAR cahaye Man United penaliti mu mwanya w'inyongera w'urukino, yakuye Paris St-Germain mw'ihiganwa rya Champions League.

Ishoti rya Diogo Dalot ryakubise ku kuboko kwa Presnel Kimpembe ariko biza kwemeza ko ari penaliti hifashishijwe ubuhinga bw'amasanamu bufasha umuhagarikizi, ari bwo VAR.

Rutahizamu wa PSG yakomeretse Neymar yavuze ko ico cemezo ari "akamaramaza".

Ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa buraya, Uefa, ryavuze ko uburebure umupira wagenze "butari buto" kandi ko ukuboko kwa Kimpembe "kutari kwegereye" umubiri wiwe.

Hashingiwe kuri ivyo, iryo shirahamwe ryongerako riti "ivyakurikiye umupira umaze kumukubita ku kuboko ntiwovuga ko bitari vyitezwe" kandi "umubiri w'uwo mukinyi w'inyuma [wagizwe] munini bica bituma umupira uhindurirwa inzira warimwo yerekeza mw'igoli.

"Afatiye kuri ivyo rero, umuhagarikizi yaciye atanga penaliti.

"Ufatiye ku kuntu umuhagarikizi atashotse amenya ko ari penaliti mu rukino [bifatwa nko kutabona ikintu gihambaye mu mategeko agenga VAR], gusubiramwo ivyabereye mu kibuga vyaciye bikorwa."

Nyuma y'umwanya mure mure umuhagarikizi w'umunye Slovenia, Damir Skomina, ariko ararabira mu mboneshakure iri impande y'ikibuga, Marcus Rashford yinjije penaliti aca ahesha United 3-1, ica irabandanya hakurikijwe ibitsindo vyinjirijwe hanze.

Bwari ubwa mbere uwo mukinyi w'imyaka 21 yinjiriza penaliti ikipe yiwe kandi bituma iyo kipe ya Ole Gunnar Solskjaer ica iba ikipe ya mbere muri kahise ka Champions League, yivyukiranya kuva ku bitsindo 2-0 yatsindiwe iwayo, ikabandanya ku ntambwe ikurikira.