Serena Williams yakuyemwo Halep mu rukino rurerure rwa Australian Open

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Jonathan Jurejko
- Igikorwa, BBC Sport at Melbourne Park
Serena Williams yasiguye igituma abona ariwe afise amahirwe yo gutsinda ihiganwa rya Austrian Open kuri 6-1 4-6 6-4 arushije umukinyi ari kw'isonga Simona Halep.
Uwo munya Amerika w'imyaka 37 yasambuye umukino wa Halep mu kuja imbere muri seti ya mbere yamaze iminota 20.
Halep, umunye Romania w'imyaka 27, yivyukiranije mu yigira kabiri ariko amaherezo aratsindwa muri urwo rukino rwamaze isaha n'iminota 47.
Williams yerekanye ingene anezerewe cane no gutsinda uwuri kw'isonga mu gihe we ubu ashirwa ubwa 16 ku rutonde rw'isi.
Yavuze ati ''Rwari urukino rukomeye cane, habayemwo n'amanota y'igitangaza, ariko ndanezerewe no kuba ndi ngaha''.
Williams - amaze gutsindira Grand Slam incuro 23 - ariko ararondera gusubira gutsinda iryo higanwa ubwa mbere kuva avyaye mu mwaka uheze.
Ubu yimirije guhura n'umunye Czech aza ubugira 7 ku rutonde, Karolina Pliskova, yatsinze umunye Espagne Garbine Muguruza ku wa mbere.
Urukino rwakomeye nk'uko vyari vyitezwe

Ahavuye isanamu, AFP
Kuva abo bakinyi babiri bagiye ku rutonde rwo kuzohura mu mugwi umwe w'ihiganwa rya Australian Open, abakunzi ba tennis baciye batangura kwitega ko ibintu bizokomera: Williams yamaze imyaka myinshi ariwe ari kw'isonga ry'urutonde rw'isi agiye gutana mu mitwe n'uwuri kw'isonga muri iki gihe, Halep.
Uko vyari vyitezwe niko vyagenze. Rwari urukino rw'urugamba, rwa tennis yo mu rwego rwo hejuru ku mpande zompi.
N'imbere y'uko urukino rutangura, Halep yari yemeye ko Williams ariwe ''mukinyi wa mbere akomeye kw'isi'', maze Williams aca aravyerekana mu gutsinda uwuri kw'isonga kw'isi kuva atsinze Victoria Arenka mu 2013.










