Mohamed Salah: Umukinyi w'imbere wa Liverpool na Misri yahawe agashimwe k'umukinyi mwiza wa Afrika wa CAF mu 2018

Mohamed Salah yahawe ako gashimwe na prezida wa CAF Ahmad Ahmad (i bubamfu) na prezida wa Liberia George Weah (i buryo)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah yahawe ako gashimwe na prezida wa CAF Ahmad Ahmad (i bubamfu) na prezida wa Liberia George Weah (i buryo)

Umukinyi w'imbere wa Misri n'umugwi wa Liverpool wo mu Bwongereza Mohamed Salah ni we mukinyi mwiza w'umwaka w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu 2018 - akaba aronse ako gashimwe incuro ya kabiri.

Salah w'imyaka 26 yarushishe amajwi mugenzi we wo muri Liverpool Sadio Mane wo muri Senegal hamwe n'umukinyi w'imbere wo muri Gabon Pierre-Emerick Aubameyang.

Yahawe ako gashimwe mu birori vyabereye mu gihugu ca Senegal ku musi wa kabiri.

Salah yavuze ati:"Nahora nipfuza gutwara aka gashimwe kuva nkiri umwana, ubu rero ndabishitseko incuro zibiri nikurikiranya."

Umukinyi w'imbere wa Houston Dash wo muri Afrika y'epfo Thembi Kgatlana, yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza w'umwaka mu bigeme.

Salah kandi ni we yabaye umukinyi mwiza w'umwaka wa BBC incuro zibiri yikurikiranya mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Yatsindiye Liverpool ibitego 44 mu mwaka wa 2017-18, afasha n'uwo mugwi gushika mu rukino rwa nyuma mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, aho batsinzwe na Real Madrid.

Yratsindiye kandi ibitego bibiri Misri mu nkino z'igikombe c'isi mu gihugu c'Uburusiya.

Yatsinze ibitego 16 mu nkino 29 yakiniye Liverpool mu mahiganwa yose muri uyu mwaka.

Salah, Mane na Aubameyang bari mu mugwi wa mbere mwiza w'umwaka muri Afrika hamwe n'umukinyi w'inyuma wa Manchester United Eirc Bailly, umukinyi wo hagati wa Manchester City Riyad Mahrez, umukinyi wo hagati wa Liverpool Naby Keita hamwe n'umukinyi w'inyuma i bubamfu wa Tottenham Serge Aurier.

Ku musi wa kabiri, Caf yatangaje kandi ko igihugu ca Misri ari yo izokwakira inkino z'igikombe ca Afrika mu 2019 inyuma y'aho Kameruni inaniriwe kwitegura neza ku gihe.

Umugwi mwiza wa Afrika w'abakinyi 11: Denis Onyango (Mamelodi Sundowns/Uganda), Serge Aurier (Tottenham/Cote d'Ivoire), Medhi Benatia (Juventus/Maroc), Eric Bailly (Manchester United/Cote d'Ivoire), Kalidou Koulibaly (Naples/Senegal); Naby Keita (Liverpool/Guinee), Thomas Partey (Atletico Madrid/Ghana), Riyad Mahrez (Manchester City/Algeria); Mohamed Salah (Liverpool/Misri), Pierre-Emerick Aubameyang (Arsenal/Gabon), Sadio Mane (Liverpool/Senegal)

Africa Best XI graphic

Ahavuye isanamu, BBC Sport