Mohamed Salah yasubiye kuba umukinyi wa Afrika yarushije abandi mw'ihiganwa rya BBC

Salah abaye umukinyi wa mbere atsindiye aka gashimwe yikurikiranya, bikaba vyaheruka ku munye Nigeria Jay-Jay Okocha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Salah abaye umukinyi wa mbere atsindiye aka gashimwe yikurikiranya, bikaba vyaheruka ku munye Nigeria Jay-Jay Okocha

Rutahizamu wa Misiri na Liverpool, Mohamed Sala, natorewe kuba umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunye Afrika arushije abandi, umwaka ugira kabiri yikurikiranya.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 yarushije Medhi Benatia, Kalidou Koulibaly, Sadio Mane na Thomas Partey muri iryo higanwa.

Salah yabwiye urubuga rwa BBC Sport ati: "Numva akanyamuneza. Nifuza gutsindira kandi aka gashimwe mu mwaka uza. Biranezereye cane kugatsindira."

Uyu mukinyi ari nawe yigenje neza mw'ihiganwa Premier League mu mwaka, yinjije ibitsindo 44 mu nkino 52 yakiniye Liverpool mu mahiganwa aheruka, anayifasha gushika mu rukino rwa nyuma rwa Champions League.

Gutangura gukinira Liverpool kwiwe kwari igitangaza, yinjiza ibitsindo 19 mu mahiganwa yose mu nkino 24 yakinye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gutangura gukinira Liverpool kwiwe kwari igitangaza, yinjiza ibitsindo 19 mu mahiganwa yose mu nkino 24 yakinye

Salah yabandanije agira ati: "Igihe cose numva noguma ninjiza ibitsindo, mfasha ikipe yanje kuronka amanota kugira ibe iya mbere, ivyo vyama ari ibintu bihimbara."

Yaraninjirije Misiri ibitsindo bibiri mu gikombe c'isi giheruka kubera mu Burusiya.

BBC yaronse abantu barenga 650.000 batoye mw'ihiganwa ry'uno mwaka w'2018.

Salah abaye umukinyi wa mbere atsindiye aka gashimwe yikurikiranya, bikaba vyaheruka ku munye Nigeria Jay-Jay Okocha.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 yarushije Medhi Benatia, Kalidou Koulibaly, Sadio Mane na Thomas Partey muri iryo higanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo mukinyi w'imyaka 26 yarushije Medhi Benatia, Kalidou Koulibaly, Sadio Mane na Thomas Partey muri iryo higanwa

Uyu mukinyi yahoze akinira Chelsea, yagiye muri Liverpool avuye mw'ikipe ya Roma mu ci ryo mu 2017.

Yinjije ibitsindo 15, aninjiriza ibindi 11 ikipe ya Roma, iheza ari iya kabiri mw'ihiganwa Serie A ryo mu Butaliyano, bukaba ari ubwa mbere iyo kipe yari ironse ico kibanza mu myaka indwi.

Gutangura gukinira Liverpool kwiwe kwari igitangaza, yinjiza ibitsindo 19 mu mahiganwa yose mu nkino 24 yakinye.

Yahavuye yesa umuhigo w'ibitsindo 31 mu nkino 38 z'ihiganwa Premier League, ibintu bimaze gushikwako gusa na Luiz Suarez mu 2013-14, Cristiano Ronaldo mu 2007-08 na Alan Shearer mu 1995-96.