Thierry Henry yavuze ko Pep Guardiola ari we afatirako 'akarorero' nk'umumenyereza mushasha wa Monaco

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza mushasha wa Monaco, Thierry Henry avuga ko agiye kwisunga Pep Guardiola amenyereza umugwi wa Manchester City mu kazi kiwe gashasha.
Henry yatanguriye akazi kiwe ko gukina umupira muri Monaco, asubiye muri uwo mugwi inyuma y'iyirukanwa rya Leonardo Jardim.
Yavuze ko yize bushasha ingene bakina umupira, igihe yamenyerezwa na Guardiola muri Barcelone mu myaka irenga cumi iheze.
Henry w'imyaka 41 avuga ati:"Pep ni we karorero kuri jewe. Ibintu azana bishasha mu rukino; yama ari hejuru mu rukino."
Uwo mufaransa Henry yashize umukono ku masezerano yo gushika mu kwezi kwa gatanndatu 2021, akaba yahevye akazi ko kuba icegera c'umumenyereza w'Ububiligi kugira aje muri ico kibanza.
Uwo mukinyi yahoze akinira Arsenal yarafashije Monaco gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bufaransa mu 1997, akaba ashikiriye uwo mugwi uri mu kibanza ca gatatu uvuye inyuma mw'ihiganwa ry'uyu mwaka.
Urukino rwa mbere rwa Thierry Henry ruzobahuza na Strasbourg itariki 20 z'ukwezi kwa cumi, imbere yo guhura n'umugwi wa Brugge inyuma y'imisi ine, mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.
Mu gushimagiza Guardiola yavuze ati:"Nta guca hirya no hino, ni we karorero kuri jewe. Nasubiye kwiga gukina umupira bushasha igihe naja muri Barcelone ari we amenyereza. "
"Uri kumwe na Pep, mushobora kuganira ivyerekeye umupira, arashobora no kutaja kuryama mukabandanya muvuga ivyo umupira, ugasinzira ariko wewe akabandanya avuga".
"Umuntu yigira ku bandi; baraguha icigwa. Ariko urakenera kandi kuvanga n'ubundi bumenyi bwawe buke ufise."

Ahavuye isanamu, Reuters
Abajijwe ivyerekeye mugenzi we w'umufaransa Arsene Wenger, yamumenyereje mu mugwi wa Arsenal kuva 1999 -2007, Henry yavuze ati:"Arsene yuguruye vyinshi mu bwenge bwanje, yatumye ntegera ico ari co kuba umukinyi yabigize umwuga, n'ico ari co gutera imbere.
"Sinzopfa naravyibagiye. Murazi imigenderanire nari mfitaniye na we, bimwe mu vyo yakoze nzobigumana."
Henry yakiniye kandi Juventus na New York Bulls atanguye akazi k'ubumenyereza inyuma yo kuba umukinyi rurangiranwa harimwo gutwara igikombe c'isi akinira umugwi nserukiragihugu c'Ubufaransa mu 1998 hamwe n'ikombe ca Buraya inyuma y'imyaka ibiri.
Uwo yahoze ari umukinyi w'imbere yinjije ibitsindo 51 mu nkino 123 z'Ubufaransa, akaba yahagaritse gukina mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2014 aca aja gukora ku mboneshakure imbere y'uko aja mu mugwi w'abamenyereza umugwi nserukiragihugu w'Ububiligi mu 2016.










