Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko David Silva ari “umwe mu bakinyi beza” amaze kumenyereza

Bitanu mu bitsindo bitandatu David Silva amaze gutsindira Manchetser City muri Champions League yabitsinze imigwi yo mu Budagi

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu, Bitanu mu bitsindo bitandatu David Silva amaze gutsindira Manchetser City muri Champions League yabitsinze imigwi yo mu Budagi

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko David Silva ari "umwe mu bakinyi beza" amaze kumenyereza inyuma y'aho uwo mukinyi wo hagati atsindiye igitego kibaha intsinzi mu rukino rwariko rurabahuza na Hoffenheim mu migwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya.

Kw'ikosa ryakozwe n'umukinyi w'inyuma Stefan Posch, Silva yaronkeyeho akaryo ko kwinjiza atuma Manchester City itahukana amanota ya mbere muri iryo higanwa.

Uwo munye Espagne kandi yari yafashije mu gitsindo ca mbere co kwishura cinjijwe na Sergio Aguero mu gice ca mbere.

Guardila yavuze ati:

"N'umwe mu bakinyi beza maze kumenyereza mu buzima bwanje."

"Nd'umuntu afise amahigwe kuba namenyereje benshi mu bakinyi bakomeye muri Barcelone no muri Bayern Munich, na we ari kuri urwo rutonde."

"Kuvyerekeye inyifato, ndakunda abakinyi mu bihe bikomeye yiva inyuma akavuga 'ntimutinye ndahari', n'umwe muri abo."

"Aranezereza cane. Arakwiye ko ndamuha icubahiro."

City yatsinze irinze kugombora inyuma y'aho kw'isegunda ya 43 Ishak Belfodil acishirije umupira hagati y'amaguru y'umunyegoli Ederson haba habonetse igitego ca mbere ca Hoffenheim.

David Silva

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uretse igitsindo yinjije, David Silva amaze gufasha kandi kwinjiza ibitego bitatu

Banganije inyuma y'iminota itandatu ku gitego cinjijwe na Sergio Aguero afashijwe na Silva.

Umuhagarikizi Damir Skomina yimye City penalite mu gice ca kabiri c'urukino igihe Baumann yakubita hasi Sane imbere y'igoli.

Manchester City ubu iza mu kibanza ca kabiri mw'itsinda barimwo mu gihe Hoffenheim, ari ubwa mbere baja mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo, bari mu kibanza ca nyuma.