Kylian Mbappe yungururije muri Paris St-Germain avuye muri Monaco

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugwi wa Paris Saint Germain waguze umukinyi akomeye cane Kylian Mbappe kw'ideni, ukaba wamukuye mu mugwi wa Monaco.

Mu masezerano hagati y'iyo migwi ibiri, PSG bashobora kumugura burundu babanje kuriha imiliyoni 165.7 z'ama euro.

Mu gihe uwo mugwi wogura burundu uwo mukinyi w'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, bizoba ngombwa ko amasezerano yiwe afitaniye n'uwo mugwi aca arangira mu 2022.

Uko vyogenda kose, amahera Mbappe w'imyaka 22 yogurwa azoca arutwa gusa na Neymar yagiye muri PSG uwo mugwi urishe imiliyoni 222 z'ama euro.

"Naripfuje cane ko nanje noza muri uyu mugwi, uri mu migwi yipfuza gushika kure ku mugabane wa Buraya," ni ko Mbappe yavuze.

Binuganugwa ko, uko gutevya kumugura burundu biva ko PSG bashaka kwubahiriza amategeko ajanye n'ikoreshwa ry'amahera mu kugura abakinyi y'ishirahamwe UEFA.

Ariko n'ubu vyitezwe ko iryo shirahamwe rigira amatohoza kuri uwo mugwi.

Mbappe yatsinze ibitego 26 mu nkino 44 yakiniye Monaco mu mwaka uheze, akaba yaranabafashije gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, no mu gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bufaransa.

Real Madrid, Liverpool, Manchester City na Arsenal ni yo migwi yari yipfuje kumugura.

PSG ni umugwi ukomeye cane ubu?

Potential PSG XI

Umuhinga muvyo umupira w'amaguru kuri BBC John Bennet yavuze ko PSG ubu ari "abatunzi cane" mu kugira abakinyi rurangiranwa.

Bashobora gukinisha Edinson Cavani, Neymar na Kylian Mbappe mu mugwi umwe?

Batanguye ihiganwa bakina umukenyuro wa 4-3-3, bakaba bashobora kureka gukinisha Angel Di Maria mu kibanza ciwe hakaja Mbappe, ariko Neymar na Mbappe bose bakunda gukina mu ruhande rw'ibubamfu.

Bashobora kandi gukoresha umukenyuro wa 4-4-2, umukenyuro Mbappe amenyereye muri Monaco, ariko umumenyerea wa PSG Unai Emery ntariko arareka gukinisha Cavani yatsinze ibitego 35 mu nkino 36 mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa mu mwaka uheze.

Abahinga mu mupira w'amaguru mu Bufaransa bavuga kandi ko, bashobora gukoresha umukenyuro wa 4-1-3-2, Neymar agakina nimero 10 inyuma ya Mbappe na Cavani.

Ushizeko Dani Alves i buryo, Julian Draxler mu bubamfu na Marco Verrati imbere y'abakinyi b'inyuma.

Ikibazo ku mumenyereza Unai Emery n'uko bose bamuhanze amaso ko ategerezwa gutwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Monaco departures