Messi abandanya kwerekana ubuhinga mu migwi yo mu Bwongereza aho Barcelone yatsinze Tottenham 4-2

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lionel Messi ni we yatsinze igitego ca kane ca Barcelone mu rukino rwabahuje na Tottenham, igitego ciwe ca kabiri muri urwo rukino n'ica 22 atsinze imigwi yo mu Bwongereza

Messi yaraye abiciye biracika mu gutsinda ibitego bibiri muri bine Barcelone yatsinze Tottenham mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Umumenyereza wa Tottenham Maurice Pochettino yavuze ati:"Yerekanye mu rukino rwose igituma ari Messi. Ibitego yinjiza ni vyo vyerekana uko urukino rumeze."

Ivyo ya bivuze inyuma y'aho Messi, baturuka mu gihugu kimwe ca Argentine afashirije umugwi wiwe wa Barcelone gutsinda ibitego 4-2 Tottenham mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku musi wa gatatu ku kibuga ca Wembley.

Ibitego bibiri, guhereza umupira neza, umunyegoli ntanarabukwe.

Messi ashobora kuba aguma agereranywa n'umukinyi rurangiranwa Cristiano Ronaldo - yerekanye ubuhinga bwiwe mu Bwongereza, Espagne ubu akaba ateye mu Butaliyano muri Juventus - ariko yarerekanye incuro nyinshi ko ari inseruka rukamvye, na cane cane igihe bahura n'imigwi yo mu Bwongereza.

Uwo mugabo w'imyaka 31 amaze gutsinda ibitego 22, afasha gutsinda incuro zitandatu mu nkino 28 zabahuje n'imigwi yo mu Bwongereza - gusumba iyindi migwi yose yo mu bindi bihugu.

Ibitsindo amaze kwinjiza imigwi yo mu Bwongereza