Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yavuze ko Paul Pogba atazosubira kuba kapitene w'umugwi
Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho yavuze ko ata kibazo afitaniye na Paul Pogba, ariko ng'uwo mukinyi wo hagati ntazosubira kuba kapitene w'umugwi.
Mourinho yabwiye Pogba ko atakiri kapitene wa kabiri wa Manchester United, bitewe n'amakenga afise ku nyifato yiwe.
"Ukuri kwose nuko nafashe ingingo ko adasubira kuba kapitene wa kabiri, ariko nta ngorane zihari," niko Mourinho.
"Nije ndi umumenyereza, ndashobora gufata izo ngingo."
Avugira ku mboneshakure Sky Sports yongeye ati: "Nta cononekaye, nta ngorane, atari ingingo nafashe bitanakenewe ko nsigura."
Pogba w'imyaka 25 aheruka gutsindira igikombe c'isi, yabwiwe ivy'iyo ngingo ariko arishusha ku munsi wa kabiri yitegurira urukino rw'igikombe ca Carabao.
Mourinho yashatse kwerekana ububasha bwiwe, inyuma yaho Pogba akoreye ikosa bigatuma Wolves yinjiza igitsindo co kunganisha ku munsi wa gatandatu ku kibuga Old Trafford.
Pogba yagerageje kudaha agaciro ayo majambo mu butumwa bwa Twitter yarungitse ku munsi wa mbere.
Ariko mu majambo yashikirije ku bijanye n'urukino rwo ku munsi wa kabiri Derby yatsinze ku ma penaliti, Mourinho yavuze ko ababajwe na bamwe mu bakinyi biwe.
"[Urukino duhura na Wolves cari] icigwa gikomeye; icigwa nama nsubiramwo indwi ku ndwi, icigwa bamwe mu bahungu banje badafata nkama," niko yavuze.
"Umugwi wose ukina na Manchester United uritanga cane, birakenewe ko natwe dukina ukwo, dusatira n'ishaka ryinshi - 95% ntibikwiye igihe abandi bitanga 101%."
Pogba akinira n'igihugu c'Ubufaransa ntiyashizwe ku rutonde rw'abakina bahura na Derby, yarabiye ku ntebe, mu gihe Ashley Young ariwe yari yagizwe kapitene.
Antonio Valencia niwe kapitene mukuru w'umugwi.
Imbere y'urukino, Mourinho yavuze ati: "Baruhutse. Nahaye akaruhuko Luke Shaw, Paul, Victor Lindelof, Antonio Valencia na David de Gea. Nkeneye gukinisha umugwi mwiza."
Inyuma yaho umugwi unganirije 1-1 ku munsi wa gatandatu, Pogba yavuze ko yipfuza ko umugwi "usatira, usatira, usatira" ku kibuga Old Trafford.
"Turi iwacu, dutegerezwa gukina neza kurusha urukino rwa Wolves. Dusabwa gusatira," niko yavuze.
"Iyo dukinye ukwo, biratworohera."
Pogba yinjiye muri United avuye muri Juventus ku mahera menshi atari bwashikweko mu 2016, ariko ntiyaba akirabwa ryiza, avuga ko atanezerewe cane i Old Trafford.
Umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps yavuze ko abakunzi b'umupira hamwe n'itangazamakuru badategera Pogba.
Ni nde agiye gutangura kuva muri United?
Biraboneka ko kino ari igihe gikomeye kuri Manchester United.
Biramaze kwibonekeza ko Pogba atarabana ryiza n'umugabo yatumye hatangwa amapawundi imiliyoni £89, igihe ahabwa akazi avuye muri Juventus.
Kandi biramaze kumenyekana ko Barcelone iriko irarondera Pogba.
Bisa naho Jose Mourinho yuguruye umuryango.
Ariko ikibazo ni kumenya uwuzogenda ubwa mbere?
Kureka Pogba ngo agende rizoba ari ikosa rikomeye Mourinho n'icegera c'uwurongoye umugwi Ed Woodward bakoze, bitewe nuko haheze gusa amezi uwo mukinyi yiyerekanye mu gushikana Ubufaransa ku ntsinzi y'igikombe c'isi.
Ikindi gishoboka ni kugumya Pogba, bisigura ko Mourinho azoca abona ko atovyihanganira na burya yaheruka kwankigwa kugura abakinyi yipfuza mu ci riheze.