Manchester United iri mu biganiro vyo kwongereza ikiringo c'amasezerano ya Anthony Martial

Manchester United iriko iragiriranira ibiganiro n'abaserukira Anthony Martial ku masezerano y'igihe kirekire.

Martial w'imyaka 22 yari asigaje umwaka umwe muri uwo mugwi ariko United bafise uburenganzira bwo kugiriranira ayandi masezerano mashasha.

Mu ntango z'iri ci, uwuserukira Martial yavuze ko uwo mukinyi w'umufaransa ashaka kuva muri uwo mugwi kubera ata mwanya ahabwa wo gukina.

Tottenham yaramurondeye. kandi bizwi ko umumenyereza wa Man United yari yiteguriye ko bagiriranira amasezerano.

Umukinyi wa Chelsea Willian n'uwan Milan Ivan Perisic ni bo vyari vyitezwe ko bomusubirira.

Uwo mukinyi yavuye muri Monaco mu 2015 aguzwe imiliyoni 36, amaze gukina rimwe gusa uyu mwaka mu rukino batsinzwemwo na Brighton 3-2 itariki 19 z'ukwezi kw'umunani, aho yasubirijwe inyuma y'isaha y'urukino.

Ntiyari no mubasubirira abandi mu rukino Manchester United yatsinzwemwo na Tottenham 3-0.