Liverpool 3-2 PSG: Liverpool yerekanye ko iri mu migwi ishobora gutwara igikombe ca UEFA

Ahavuye isanamu, Reuters
Liverpool yiyumvise ko isa n'iyashitse mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere i Buraya mu mwaka uheze ku gihamana- aho yagize ijoro ribi i Kiev mu gutsindwa bikomeye na Real Madrid.
Muri ico gihe rero baciye bihutira kwirengagiza ibibashikiye, Jurgen Klopp n'abakinyi biwe bakaba batanguye ihiganwa neza mu gutsinda inkino zitandatu zose zikurikiranya.
Bisigura ko mu rukino rwabahuje na PSG mw'itsinda C, hari uruhande rw'abakinyi bazimvye hamwe n'umugwi uhanze amaso cane ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere i Buraya, bikaba ari ibintu bihambaye kuri Liverpool ishaka gushimangira ubutumwa yari yatanze i Buraya mu mwaka uheze.
Igihe rero hariko haraba urukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo iwabo i Buraya ku kibuga ca Anfield, Liverpool yatanguriye aho yagejeje ikivi mu mwaka uheze, yerekana kandi ari umwi atari uwo guta mu ndaa nsa muri uyu mwaka - umugwi ushobora gushika mu gice c'umunani gishira ica nyuma.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igice ca mbere cagaragayemwo Liverpool muri urwo rukino. Nta kuraba inyuma ku vyashitse mu ndwi iheze, ahuwo bakora bahiga ingene boshika mu rukino rwa nyuma uyu mwaka. Berekanye ko umugwi uwo ari wo wose ushobora gustindirwa ku kibuga ca Anfield.






