Ni ryari igihugu ca Afrika kizotsindira igikombe c'isi?

Fans of Tunisia and Algeria

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nta mugwi wa Afrika n'umwe urarenga mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c'isi.

"Igihe nari umumenyereza w'umugwi nserukiragohugu wa Cote d'Ivoire, nabwiye Didier Drogba:"Dufise abakinyi beza, turashobora gushika kure mu gikombe c'isi ,' yavuze: 'ntibishoboka."

Sven-Goran Eriksson agerageza gusigura kubera iki Afrika ikirindiriye gutwara igikombe c'isi ca mbere inyuma y'imyaka 20 umukinyi rurangiranwa wa Brezil, Pele, avuze ko igihugu ca Afrika kizotwara ico gikombe mu 2000. Gushika mu 2010, uwo muna Swede yarabonye ko Drogba yavugishije ukuri.

"Impamvu imwe ituma badatsinda n'imwe gusa: Ukwitegura," ni ko Erickson yabwiye BBC Sport.

Harigeze igihe vyagaragara ko ivyo Pele yavuze bigira bibe. Nigeria yari imbere ikina na Argentine mu gihe Diego Maradona yari agikina mu 1994, igihe umukinyi na George Weah na Jay-Jay Okocha bari bitumwako i Buraya mu myaka ya mirongo icenda.

Ariko Afrika, umugabane wa kabiri ufise abantu benshi kw'isi, aho umupira w'amaguru ukundwa cane, ntirashobora kurenga igica ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi.

An illustration of the proposed Morocco 2026 World Cup stadium in Oujda

Ahavuye isanamu, MOrocco 2026

Insiguro y'isanamu, Igicapo catanzwe c'ikibuga kizokwakira igikombe c'isi co mu 2026.

Misri, Maroc, Nigeria, Senegal na Tunisia ni vyo bihugu bizoja mu Burusiya muri uku kwezi, ariko ni bake bibaza ko bazokwegereza igice ca nyuma harimwo n'umunyegoli wa kera wa Cameroun, Luaren.

Nta mugwi n'umwe wo muri Afrika muzizoja mu Burusiya uri mu migwi 20 ya mbere ku rutonde rwa FIFA, na Peter Odemwingie, yahoze ari umukinyi w'imbere wa Nigeria we avuga ko umupira wo muri Afrika wagabanutse cane.

Igihugu ca Nigeria cari gifise abanyi beza cane ku mugabane wa Afrika mu gikombe c'isi co mu 1994."Twaratera mw'igoli. Twaratsindiye igikombe ca Olimpke mu 1996, dukuyemwo Brezil na Argentine kandi bakinishije abakinyi babo bakomeye bose.

"Muri ico gihe vyasa n'uko 'kwemera ko bishoboka vyariko biraza.'"

Ariko Nigeria ubu igiye muri izo nkino ku ncuro ya gatandatu n'ubu iracarindiriye.

Ibihugu vyashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma ni Cameroun (1990), Senegal (2002) na Ghana (2010)- vyose vyo musi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Ariko mw'ihiganwa ry'uyu mwaka harimwo imigwi myinshi yo mu buraruko bwa Afrika gusumba utundi turere, harimwo mbere n'abitavye iryo higanwa ubwa mbere mu myaka 28, Misri, hamwe n'ubagarutse inyuma y'imyaka 20, Maroc.

Bimwe mu bihugu vyo mu buraruko bwa Afrika bifise abakinyi bakina i Buraya, ariko Maroc gishitse muri izo nkino gifise abakinyi benshi cane bakina mu bindi bihugu, aho 17 kuri 23 bavukiye hanze y'igihugu.

Egypt football fans

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Misri bagiye mu nkino za mbere z'igikombe c'isi kuva mu myaka ya mirongo icenda

Ingorane y'agahembo no kwanka gukina

Igihe haba inkino z'igikombe c'isi co mu 2014, Cameroun, Ghana na Nigeria bose baravuzwe mu binyamakuru vyinshi kubera ibintu bitanezereje.

Abakinyi ba Ghana baranse kugira imyimenyerezo kubera babimye uturusho twabo muri Brezil.

Inyishu yabonetse reta irungitse amahera arenga imiliyoni zitatu ajanywe n'indege.

Abakinyi ba Cameroun na bo bashitse batevye mu nkino z'igikombe c'isi muri Afrika y'epfo kubera ingorane zo kudahabwa uturusho twabo.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Nigeria ryaragiriraniye amasezerano n'abakinyi mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze yerekeye uturusho twabo mu gihe bazoba bari mu gikombe c'isi mu 2018, kugira bikingire izo ngorane mu Burusiya.

Uwahoze ari umunyegoli wa Tunisia Radhi Jaidi avuga ko amatati y'amahera ava kuvyo baba bemerewe bidashirwa mu bikorwa.

'Ni Afrika ni uko imeze'

Eriksson ni we yamenyereza umugwi wa Cote d'Ivoire mu gikombe c'isi co mu mwaka wa 2010.

Yari afise abakinyi beza cane harimwo Drogba na Salomon Kalou, bari bafashije umugwi wa Chelsea gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, harimwo kandi umukinyi akomeye wo hagati Yaya Toure.

Ariko uwo yahoze amenyereza Ubwongereza ntivyamworoheye igihe yariko arategura inkino zo gukuranamwo muri Afrika y'epfo aho bahura na Portugal, Brezil na Korea ya ruguru.

Eriksson avu ko "Twakinye urukino rwa kivandimwe n'Ubuswise, hanyuma tugiye aho duhindurira impuzu, nta mpuzu n'imwe yari ihari kandi hari hasigaye iminota 15 ngo urukino rutangure. "

" Ndabaza aho umuntu afise impuzu ari, bambwira ko aje.

"Imbere y'isaha ntiyari bwaze. imbere y'iminota 45 wo muntu yaciye aza yitwaje imifuko ibiri minini ayishira mu cumba twihinduriramwo.

Abakinyi bose baciye baja muri iyo mifuko barondera impuzu zibakwiye. Ico numvise gusa bavuga ni "iyi si iyanje, iyi si iyanje'.

"Imbere yo kwinjira mu kibuga, umwe mubakinyi yambwiye sinshobora gukina, ndamubaza: uragwaye? avuga : Oya, uwazanye impuzu yibagiye ibirato vyanje.' Ihoteli yari kure, ntiyashoboye gukina.

"Drogba aca ambwira: Sven iyi ni Afrika, ni ko imeze.

Morocco fans

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Moroc bagiye mu gikombe c'isi ubwa mbere kuva mu 1998

"Mu gihe ibihugu vya Afrika biba biriko birakinira igikombe c'isi, mu bisanzwe biba bizwi ko badashobora gutsunda.

"Dukwiye gutegura gufasha urwaruka rwo muri Afrika ubu rufise imyaka iri hagati ya 10-15 kugira bashike ku rwego rwo hejuru," ni ko Jaidi avuga.

Umunyegoli wa Brighton na Cameroun Gaetan Bong avuga ko avuga ko n'utuntu duto duto twibanze dukwiye gusubirwamwo neza muri Afrika.

"Hari n'igihe udashobora gukiona kubera ikibuga ari kibi," ni ko avuga. Turakeneye kwitegura kubera dufise abakinyi benshi bafise ubushobozi muri Afrika, ariko nta mahiganwa dufise akomeye.