Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Brezil yahejeje inkino zo kwitegurira igikombe c'isi mu gutsinda Autriche ibitego 3-0
Gabriel Jesus, Neymar na Philippe Coutinho ni batsindiye ibitego bitatu ku busa Brezil mu rukino rwa nyuma rwo kwitegurira igikombe c'isi rwabahuje na Autriche mu gisagara ca Vienne.
Umukinyi w'imbere wa Manchester City, Jesus yatsinze umunyegoli Heinz Lindner igitego ciza cane ku munota wa 35.
Neymar yari atanguye urukino rwa mbere kuva avunitse mu kwezi kwa kabiri, yongeyemwo igitego ca kabiri mu gice ca kabiri, igitego ciza cane ku munota wa 63.
Umukinyi wo hagati wa Barcelone Coutinho yatsinze igitego ca gatatu inyuma y'umwanya muto ku munota 69.
Yashoboye kwiruka ku mupira wari wegereye igoli bari kumwe n'umukinyi wa Liverpool Roberto Firmino imbere yo kwinjiza.
Ibintu vyari kuba bibi gusumba kuri Autriche, kuko Coutinho yateye umupira ku mwamba ku munota wa 76 hanyuma Firmino na we abuzwa gutsindwa n'ubuhinga bw'umunyegoli mu minota ya nyuma.
Igihugu ca Autriche kitatsindiye kuja mu nkino z'igikombe c'isi zizotangura mu mpera z'iyi ndwi, ntibaraja muri mwene izo nkino kuva mu 1998.
Muri urwo rukino, bararushijwe cane na Brezil, n'aho umukinyi w'imbere wa West Ham Marko Arnautovic yahatswe gutsinda mu gice ca mbere.
Brezil ntiratsindwa urukino na rimwe kuva mu kwezi kwa gatandatu mu 2017, mu nkino cumi zose.
Kandi ntibaratsindwa na rimwe mu nkino 16 muri 21 kuva umumenyereza wabo Tite ashitse muri uwo mugwi mu kwezi kwa gatandatu mu 2016.
Ico gihugu kimaze gutwara ico gikombe incuro zitanu bari mu mugwi E, aho bazobanza guhura n'ubuswisi ku w'Imana itariki 17 z'ukwezi kwa gatandatu imbere yo guhura na Costa Rica hamwe na Serbia.
ABAGIZE UMUGWI WA BREZIL
Abanyegoli: Alisson (Roma), Ederson (Manchester City), Cassio (Corinthians).
Abakinyi b'inyuma: Danilo (Manchester City), Fagner (Corinthians), Marcelo (Real Madrid), Filipe Luis (Atletico Madrid), Thiago Silva, Marquinhos (both Paris St-Germain), Miranda (Inter Milan) Pedro Geromel (Gremio).
Abakinyi bo hagati: Casemiro (Real Madrid), Fernandinho (Manchester City), Paulinho (Barcelona), Fred (Shakhtar Donetsk), Renato Augusto (Beijing Guoan), Philippe Coutinho (Barcelona), Willian (Chelsea), Douglas Costa (Juventus).
Abakinyi b'inyuma: Neymar Jr (Paris St-Germain), Taison (Shakhtar Donetsk), Gabriel Jesus (Manchester City), Roberto Firmino (Liverpool).