Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gabriel Jesus yaguzwe na Man City
Ikipe yo mu Bwongereza, Manchester City, yaguze umukinnyi wo ku ruhande wo muri Bresil, Gabriel Jesus.
Uyu mukinnyi w'imyaka 19 yamuguze na Palmeiras ku mafaranga y'amapawundi akoreshwa mu Bwongereza agera kuri miliyoni 27.
Jesus yasinye amasezerano y'imyaka itanu ariko azakomeza gukinira Palmeiras kugeza shampiyona yo muri Bresil irangiye mu kwezi kwa 12.
Uyu mukinnyi ukiri muto City yamurwaniraga n'ikipe ya Barcelona yo muri Espagne.
Yatsindiye Palmeiras ibitego 26 mu mikino 67 muri shampiyona y'ikiciro cya mbere ishize.