Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya 2018: Neymar ari ku rutonde rw'abakinyi ba Brezil bazoja mu gikombe c'isi n'aho yavunitse
Brezil yashize ku rutonde rw'abakinyi 23 vyitezwe ko bazoserukira ico gihugu mi nkino z'igikombe c'isi zimirije kubera mu Burusiya, umukinyi w'imbere wa Paris St-Germain, Neymar n'ubu akigwaye imvune.
Neymar w'imyaka 26 yabazwe ukuguru mu kwezi kwa gatatu n'umuganga w'umugwi nserukiragihugu wa Brezil, yavuze ko atazosubira gukora ku mupira mu kiringo c'amezi atatu.
Abakinyi bane bo mu mugwi wa Manchester City, Ederson, Danilo, Fernandinho na Gabriel Jesus ni bamwe mu bakinyi bakina mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza bari kuri kuri urwo rutonde.
Abandi ni umukinyi w'imbere wa Liverpool Roberto Firmino hamwe n'umukinyi wa Chelsea Willian.
Umukinyi w'inyuma mu ruhande rw'iburyo muri PSG Dani Alves ntazoja muri izo nkino inyuma kubabara kw'ivi mu ndwi iheze.
Brezil bari mu mugwi E, bakaba bari kumwe na Costa Rica, Serbia n'Ubuswisse, urukino rwabo rwa mbere rukazoba ku musi w'Imana itariki 17 z'ukwezi kwa gatandatu.
Abakinyi ba Brezil
Abanyezamu: Alisson (Roma), Ederson (Manchester City), Cassio (Corinthians).
Abakinyi b'inyuma: Danilo (Manchester City), Fagner (Corinthians), Marcelo (Real Madrid), Filipe Luis (Atletico Madrid), Thiago Silva, Marquinhos (both PSG), Miranda (Inter Milan), Pedro Geromel (Gremio).
Abakinyi bo hagati : Casemiro (Real Madrid), Fernandinho (Manchester City), Paulinho (Barcelona), Fred (Shakhtar Donetsk), Renato Augusto (Beijing Guoan), Philippe Coutinho (Barcelona), Willian (Chelsea), Douglas Costa (Juventus).
Abikinyi b'imbere: Neymar (PSG), Taison (Shakhtar Donetsk), Gabriel Jesus (Manchester City), Roberto Firmino (Liverpool).