'Sinshaka gusubiza hamwe n'umuryango wanje' - umuhungu wa David Beckham

    • Umwanditsi, Maia Davies

"Sinshaka gusubiza hamwe n'umuryango wanje," aya ni amajambo avugwa na Brooklyn Beckham, umuhungu wa Sir David Beckham, aho yagiriza abavyeyi biwe ko "bamwifatiye mu gahanga", we n'umugore wiwe mu binyamakuru.

Ino mfura ya Beckham n'umugore we Victoria Beckham ibagiriza "kugerageza gusenyura" ubucuti bwiwe n'umugore we Nicola Peltz Beckham no gukwiragiza "ibinyoma" mu binyamakuru mu ntumbero yo "kurokora ishusho yabo".

Inyuma y'amezi atari make hari amakuru y'ukutumvikana muri uno muryango w'ivyamamare, Brooklyn avuga ko yagerageje kutabishira ahabona ariko ko hageze igihe co "kuvuga ivyanje nkamenyesha ukuri".

BBC yashikiriye abaserukizi ba Beckham n'umugore we kugira bagire ico babivuzeko, ariko nta nyishu iraronka. Aba bompi ntibaremera iki cuka kibi kivugwa.

Brooklyn Beckham, w'imyaka 26 ubu, yanditse urukurikirane rw'ubutumwa ku mbuga hwaniro agira ati: "Maze imyaka itari mike ncecetse, nkora uko nshoboye kwose kugira ngo ibintu ntibije ahabona.

"Ariko ku gihamana kibi, abavyeyi banje n'abo bakorana babandanya baja mu binyamakuru, ibi bikantuma ata kundi ndi bugire atari ukwisigura nkamenyesha n'ukuri kuri bimwe mu binyoma bimaze kwandikwa.

"Sinshaka gusubiza hamwe n'umuryango wanje. Nta muntu angenzura, ku ncuro ya mbere nahagurukiye ubwigenge bwanje".

Yongerako ati: "Mperutse kwibonera n'amaso yanje ingene biteguriye gushika kure mu gukwiragiza ibinyoma bitagira uko bingana mu binyamakuru, ahanini basibanganya abantu ata co bazira, kugira ngo bakingire ishusho yabo. Ariko ndizeye ko ukuri kwama gutsinda".

Ubu butumwa ahanini bwibanda ku bucuti afitaniye n'umugore wiwe – umukinyi w'amafilime w'Umunyamerikakazi akongera akaba n'umukobwa w'umutunzi ruhebwa, Nelson Peltz – avuga ko atahengeshanije "kwifatirwa mu gahanga n'umuryango wanje, bataravye utwigoro tudasanzwe twakoze kugira ngo tube umwe".

Brooklyn yagiriza abavyeyi biwe kugerageza kuburabuza ubukwe bwabo, avuga ko nyina wiwe, umuhinga mu bijanye n'imideri, "yahagaritse gushona ikanzu ya Nicola ku munota wa nyuma, kandi yari yerekanye umunezero udasanzwe wo kwambara impuzu ashonewe n'uwari agiye kumubera inabukwe, ivyatumye biba ngombwa ko arondera iyindi mpuzu gihutihuti".

Ico gihe hasohotse amakuru yavuga ko Nicola ubu afise imyaka 31 yari yanse kwambara imwe mu mpuzu zashonywe na Victoria Beckham.

Mu nyuma yabwiye ikinyamakuru the Times ko inabukwe yari yabonye ko atelier yiwe itari guheza gushona ikanzu yiwe ku mwanya, ahakana ivyavugwa ko hari ukutumvikana.

Yagirije kandi Victoria Beckham ko "yaburijemwo" intambo yabo ya mbere - avuga ko igihe yahamagarwa gutamba, "mama yari yagabirije kugira ngo atambane nanje" aho kumureka agatambana n'umugore wiwe, kandi "akantambisha mu buryo butabereye na gato imbere y'abantu bose".

Avuga kandi ko basubiyemwo isezerano ryabo mu 2025 kugira ngo bubake bishasha "bizotuzanira umunezero n'akanyamuneza, bizira umubabaro n'amaganya".

Brooklyn Peltz Beckham avuga kandi ko abavyeyi biwe "batahengeshanije kuntera igitsure no kugerageza kumpatira kwemera guheba uburenganzira mfitiye izina ryanje" amayinga make imbere y'ibirori. Ntibiratomoka neza ubu burenganzira avuga ubwo ari bwo.

Bivugwa ko umuryango wa Beckham utashimye ko umuhungu wabo afata izina rya Peltz.

Avuga ko yanse kuvyemera – icemezo "cagize ingaruka ku mushahara, kandi kuva ico gihe ntibabaye bakimfata uko bahora bamfata".

Brooklyn yavuze kandi ku kindi kibazo catumye havugwa vyinshi kuri uku gucanamwo: igihe we n'umukunzi wiwe banse kwitabira ibirori vy'isabukuri y'imyaka 50 ya David Beckham muri Rusama (5) umwaka uheze.

Yavuze ko we n'umugore wiwe bari bagiye i Londres kugira bitabire iyo sabukuru, ariko ko "batwirengagije indwi yose turindiriye mw'ihoteri turiko tugerageza kurondera akanya ko kuba kumwe na we".

Ati: "Yaranse utwigoro twacu twose, atari mu gihe c'ibirori nyezina turi kumwe n'amajana y'abashitsi hamwe n'amakamera ku mpande zose".

Avuga ko se wiwe "yahavuye yemera" kubonana na we ariko ko atari kumwe n'umugore wiwe, ivyo avuga ko ari "igitutsi kibi", avuga ko ibi vyatumye baca bisubirira i Los Angeles.

Ico gihe, hari uwabwiye BBC ko Brooklyn Peltz Beckham yahisemwo kutitabira ibi birori mu gihe mutoyi wiwe Romeo yavyitabiriye ari kumwe n'umugore yigeze kuba afitaniye ubucuti na we.

Muri ubu butumwa bw'uno muhungu wa Beckham, yagiriza nyina wiwe ko "yatumiye incuro zitari nke abagore twigeze kuba dufitaniye ubucuti muri kahise mu buryo bwasa n'ukurondera kutwononera".

Uno muhungu w'imfura aranegura umuryango wiwe ko uha agaciro "ukwibonekeza neza no kwitonesha imbere y'abantu kuruta ibindi vyose".

"Gutonesha izina Beckham ni co kiza imbere," ni ko yandika, akongerako ko kuri bo "'urukundo' rw'umuryango rubonekera ku kungene wandika ku mbuga hwaniro".

Agira ati: "Mu buzima bwanje hafi bwose, nagenzuwe n'abavyeyi. Nakuriye mu mwikomo udasanzwe. Ku ncuro ya mbere mu buzima bwanje, kuva mfashe ingingo yo kwitandukanya n'umuryango wanje, uno mwikomo waheze".

Uyu mugabo avuga ko atahengeshanije gukorerwa "itotezwa ridahera n'abavyeyi banje, haba mu mpisho canke ku mugaragaro, ryacishwa mu binyamakuru ku mategeko yabo".

Yongerako ko batoyi biwe na bo nyene batumwe "kunyifatira mu gahanga ku mbuga hwaniro, imbere y'uko banzibira ku makonte yabo mu ci riheze ata mvo n'imwe".

Muri Kigarama (12) umwaka uheze, Cruz Beckham w'imyaka 20 yavuze ko abavyeyi babo batashobora na gato "kudakurikirana umuhungu wabo", mu kwishura ku nkuru y'ikinyamakuru Daily Mail yavuga ko babikoze.

"Si vyo. Mama na dawe ntibashobora na gato kudakurikirana umuhungu wabo. Reka twerekane ukuri", ni ko yanditse kuri Instagram.

"Bavyutse basanga bazibiwe, nk'uko nanje vyangendeye".

Sir David Beckham yahoze ari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza hamwe na Lady Victoria Beckham yahoze aririmba mu murwi Spice Girls, baravyaranye abandi bahungu babiri n'umukobwa – Romeo w'imyaka 23, Cruz na Harper Seven w'imyaka 14.