Igikombe c'isi 2018: Abakinyi b'Ubwongereza baravuganye ivyerekeye amacakubiri afatiye ku rukoba mu Burusiya

Ashley Young

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Young yari amaze imyaka ine atagiye mu nkino mpuzamakungu

Abakinyi b'Ubwongereza baraganiriye ku kibazo c'inyifato bogira mu gihe hoba inyifato y'amacakubiri afatiye ku rukoba mu nkino z'igikombe c'isi mu Burusiya mu ci, nk'uko bivugwa n'umukinyi wa Manchester United Ashley Young.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burusiya riherutse gucibwa amande y'amapawundi 22.000 kubera indirimbo zivangura urukoba z'abarorerezi mu rukino rwa kivukanyi rwabahuje n'Ubufaransa mu kwezi kwa gatatu.

"Mu gihe turi ku kibuga, sinzi neza uko wovyifatamwo," ni ko uwo mukinyi w'inyuma ku ruhande w'imyaka 32 avuga.

"Tuzobivugana, kandi dutegerezwa kubiganira mu mugwi- ico twokora n'ico tutokora."

Yongeyeko:"Ndizeye ko Fifa, ni haba ata kindi kintu kibaye, izoshobora gufata ico kibazo mu minwe."

Bivugwa ko abakinyi b'ubufaransa Paul Pogba, Ousmane Dembele na N'Golo Kante ari bagizweko ayo macakubiri afatiye ku rukoba mu rukino batsinzemwo ibitego 3-1 uwo mugwi uzokwakira inkino z'igikombe c'isi yose.

Urwo rukino rwabereye ku kibuga c'i Krestovsky i Petersburg, hamwe mu bibanza bizoberamwo inkino zitegekanijwe mu ci.

Itangazo ry'urwego rurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi ruvuga ko Fifa "itazihanganira inyifato y'amacakubiri y'urukoba".

Ariko Lord Ouseley, umukuru w'umugwi ugwanya amacakubiri ahagaze ku rukoba "Kick It Out", yavuze ko ayo mande ya Fifa ari "ibiterasoni".