Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umumenyereza wa Liverpool Klopp afise icizere co gutsinda Champions League
Umugwi wa Liverpool ugiye guhura n'abaheruka gutahukana igikombe ca Champions League Real Madrid wemera ko ushobora kuhakura "ikintu kinini", niko umumenyereza Jurgen Klopp yavuze.
Umugwi w'aba Reds watanguriye ihiganwa mu majonjora, uzoba utwaye igikombe ku ncuro ya gatandatu ni watsinda.
Real nayo irondera gutwara igikombe ku ncuro ya gatatu yikurikiranya.
"Nta numwe yarazi ko tuzoshika hano, ariko tuhari kuberako turi Liverpool," niko Klopp yavuze.
Ihiganwa ryatanguye itariki 15 ukwezi kw'umunani bahura na Hoffenheim, rishobora kurangira mu kamwemwe igihe aba Reds bazoba batsinze umugwi watsinze iryo higanwa incuro 12.
Umugwi wa Liverpool wifashe neza mu mahiganwa y'uno mwaka kuva aho uronkeye umukinyi w'imbere Mohamed Salah aturuka mu Misiri.
"Umugwi urafise ibinyamubiri vyawo vyotuma ushika ku bintu binini," niko Klopp yavuze.
"Ndazi neza ko hasigaye isegunda ngo urukino rutangure, Real Madrid izoba ifise icizere kuturusha ariko urukino ntiruherera muri iyo segunda, ahubwo ruba rutanguye.
"Ndaryohewe kuba ndi hano n'uyu mugwi w'abakinyi. Baragwanye cane kugira ngo bagere hano. Barabikwiye. Birantera iteka."