Mourinho avuga ko icegera ciwe arico gikwiye kumenyereza Arsenal

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yavuze ko ashobora "gufasha gupakira no gutwara" imizigo y'umufasha wiwe Rui Faria igihe Arsenal yoba imufashe nk'umumenyereza wayo mushasha.
Bivugwa ko Faria w'imyaka 42, ari ku rutonde mfatakibanza rwa Arsenal rw'abashobora gusubirira Arsene Wenger azosezera mu mpera ry'ihiganwa ry'uno mwaka amaze imyaka 22 muri uwo mugwi.
Faria yabaye umufasha wa Mourinho mu migwi itandatu kuva igihe bafataniye bamenyereza Porto haraheze imyaka 14, bagatwara ibikombe incuro 25.
Mourinho avuga ko icegera ciwe "gikwiye" ako kazi.
"Ndabivuze kuberako iruhande yo kuba icegera canje, ari umugenzi wanje,"niko uwo munya Portugal avuga.
"Igihe umunsi mugenzi wanje yoronka akaryo ko kuronka akazi keza, nomufasha gupakira, nkatwara imizigo yiwe, nkamwipfuriza kuroranigwa."
"Namumenye ar'umwana kuri kaminuza munyuma dukorana imyaka 18. Ni umugenzi cane iruhande yo kuba umufasha.
"Igihe uwo munsi woshika noryohegwa cane."

Icegera c'umumenyereza wa Liverpool Zeljko Buvac nawe nyene ari mu bavugwa ko bashobora gusubirira Wenger.
Abandi bavugwa ni abakinyi ba kera ba Arsenal, Mikel Arteta na Patrick Vieira hamwe n'uwigeze kumenyereza Barcelone Luis Enrique n'umumenyereza wa Juventus Massimiliano Allegri.










