Wenger ngo yipfuza "kwigira mu mahoro"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yavuze ko ukwezi kwa nyuma kw'imyaka 22 amaze mu mugwi yokurangiza "akagenda mu mahoro".
Uwo mugabo w'imyaka 68 aturuka mu Bufaransa, yamenyesheje mu ndwi iheze ko azosezera umugwi w'aba Gunners mu ci.
Arsenal izohura ku munsi wa Mungu n'abakeba ba Manchester United mw'ihiganwa rya Premier League, ku kibuga Old Trafford.
"Ukwiye kundeka ukampa amahoro mu ndwi zanje za nyuma, ntunjane muvyo guhangana," niko Wenger yavuze.
Umumenyereza wa United Jose Mourinho yavuze ku munsi wa gatanu, ko ababajwe n''ibihe n'amajambo' vyashitse n'uwurongoye Arsenal, akibaza ko nawe nyene vyifashe ukwo.
Haraheze iminsi Mourinho avuze ko Wenger ari "umuhinga mu gutsindwa".
Wenger yavuze ati: " Ego ndamwubaha, ndamwubaha cane. Sinipfuza kuja mu ngorane z'abantu. Nipfuza kugenda mu mahoro no ku vyerekeye Mourinho. Ni umumenyereza akomeye."
Uwo mufaransa ntiyibaza ko azokwakiranwa igishika i Manchester.
"Namye nakiranwa igishika ku kibuga Old Trafford," niko yatebuye.
"Sinzi ingene bazonyakira ariko nzoshinga ijisho mu kurondera gutsinda. Twaragwanye kenshi muri iyi myaka 22."
Urukino rwo ku munsi wa Mungu ruzoba rubaye urwa 28 ku kibuga Old Trafford Arsenal ihura na United.
Iyo migwi ibiri yarakurakuranye mu gutsinda ihiganwa rya Premier League hagati y'i 1995 no mu 2004.
Wenger avuga ko United wari umugwi mwiza cane ico gihe.










