Neymar yiteze gusubira gukina mu gikombe c'isi inyuma yo gukira ukuguru kwari kwavunitse

Neymar yarakiniye Brezil mu rukino rwa kivandimwe aho banganije 0-0 n'Ubwongereza ku kibuga ca Wembley mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Neymar yarakiniye Brezil mu rukino rwa kivandimwe aho banganije 0-0 n'Ubwongereza ku kibuga ca Wembley mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Umukinyi w'umugwi nserukiragihugu wa Brezil, Neymar, vyitezwe ko azoba yakize kugira aje mu nkino z'igikombe c'isi zo mu ci, akaba avuga ko azotangura imyimenyerezo itariki 17 z'ukwezi kwa gatanu.

Uwo mukinyi w'imbere wa Paris St-Germain vyabaye ngombwa ko bamubaga igufa inyuma yo kuvunikira mu rukino itariki 25 z'ukwezi kwa kabiri.

Brezil izokina urukino rwa mbere rwo kwugurura ihiganwa n'Ubuswisse itariki 17 z'ukwezi kwa gatandatu, ukwezi kumwe inyuma y'umwanya utegekanijwe ko yoba yasubiye gukina.

Neymar yavunitse mu kwezi kwa kabiri mu rukino rwabahuza na Marseille

Ahavuye isanamu, NurPhoto

Insiguro y'isanamu, Neymar yavunitse mu kwezi kwa kabiri mu rukino rwabahuza na Marseille

"Niteze kugaruka meze neza cane," ni ko uwo mukinyi w'imyaka 26 yavuze.

Neymar yabaye umukinyi wa mbetre azimvye kw'isi igihe yaja muri Paris St-Germain avuye muri Barcelone mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, akaba amaze gutsinda ibitego 25, no gufasha gutsinda ibitego 16 uwo mugwi w'Ubufaransa.

"Nzopimwa ubwa nyuma itariki 17 z'ukwezi kwa gatanu, inyuma y'aho ni ho nshobora gukina," niko yabwiye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Sao Paulo, aho ariko aravurirwa.

"Mpimwa buri musi, kandi kuva igihe nzoba ntanguriye kwimenyereza, nzoshiramwo inguvu nyinshi cane gusumba uko nahora, kuko urukino narindiriye umwanya muremure. Ni ihiganwa ry'isi yose. Naririndiriye imyaka ine izi nkino, haregereje."

Bruna Marquezine n'umukunzi wiwe Neymar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Neymar ntashobora gutambuka adafise ivyo yishimikiza nk'uko bigaragara kuri iyi foto aho yari mu musi mukuru i Sao Paulo mu ndwi iheze.

Neymar yarakiniye Brezil imaze gutwara igikombe c'isi incuro zitanu, mu rukino rwa nyuma mu 2014, ariko akaba atakinye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu rukino rwabahuje n'Ubudagi aho batsinzwe ibitego 7-1.

Ibihugu vya Brezil n'Ubudagi vyose bizoja mu nkino zo mu Burusiya.

Inyuma y'urukino rwa mbere ruzobahuza n'Ubuswise mu mugwi E, bazokina na Costa Rika itariki 22 z'ukwezi kwa gatandatu hanyuma bahure na Serbia inyuma y'imisi itanu.

Neymar yagiye muri Paris St Germain ku miliyoni 200 z'amapawundi.