Neymar ngo ntiyakurikiye amahera muri PSG

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere w'umugwi w'igihugu wa Brésil Neymar yavuze ko "bibabaje" kubona hari abantu bavuga ko yagiye mu mugwi wa Paris St-Germain (PSG) kubera amahera.
Uwo musore w'imyaka 25 yagiye mu mugwi wa PSG ku miliyoni 198 z'amapawundi (imiliyoni 260 z'amadolari) kandi akazohembwa imiliyoni 40.7 z'amapawundi ku mwaka.
Neymar yitegurira gukina urukino rwa mbere muri PSG ku munsi wa gatandatu.
Uwurongora umugwi PSG, Nasser Al Khelaifi yongeyeko ko Neymar yashobora kuronka amahera aruta ayo mu wundi mugwi.
Abajijwe ko yakurikiye amahera ashitse ubwa mbere Parc des Princes, Neymar yishuye ati: "Ico nobwira bano bantu nuko ata na kimwe bazi ku buzima bwanje, nta na rimwe nigeze nkoreshwa n'amahera.
"Iyaba nakurikira amahera, nari kuba ndi ahandi, mu yindi migwi mu bindi bihugu.
Ndababazwa nuko abantu biyumvira ukwo ariko nkanezerezwa nuko PSG yo integera."
Al Khelaifi yongeye ati: "Neymar yaje ngaha ku gukunda umugambi turimwo kandi yemera. Ashobora kuronka amahera menshi kurusha ayo tumuha, ivyo ndabizi".










