Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Man City yegereje igikombe inyuma yo gutsinda Arsenal
Umugwi wa Manchester City uriko uregereza gutahukana intsinzi y'ihiganwa rya Premier League inyuma yo gutsinda yikurikiranya umugwi wa Arsenal, niko umumenyereza Pep Guardiola yavuze.
Ibitsindo vyinjijwe na Bernardo Silva, David Silva na Leroy Sane ku kibuga Emirates Stadium, vyatumye City ija imbere amanota 16.
Mu gihe hasigaye inkino 10, isigaje gutsinda gatanu gusa ngwibe yegukanye igikombe.
"Kiri mu minwe yacu, ntitwobihakana," niko Guardiola yavuze.
"Turi ku ngazi za nyuma ngo dushikire intsinzi. Dutegerezwa gukovya gushika ku mpera."
Inyuma yo gutsinda aba Gunners 3-0 mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Carabao ku munsi wa Mungu, City yagumye irusha Arsenal ku kibuga aho intebe nyinshi zagaragara.
Bernardo Silva niwe yuguruye umuryango w'ibitsindo ku munota wa 15, David Silva yinjiza ku munota wa 28, Sane nawe yinjiza iminota itanu munyuma.
Arsenal yararonse amahigwe ya penaliti ariko umukinyi mushasha Pierre-Emerick Aubameyang ntiyashobora kuyinjiza.
"Twakinanye icizere gike, ivyo vyibonekeje mu ntango y'urukino munyuma turavyishura," niko umumenyereza Arsene Wenger yavuze.
"Twatsinzwe n'umugwi ariwo wa mbere mwiza mu gihugu muri kino gihe."
City ifise amanota 16 imbere ya Manchester United iri mu kibanza ca kabiri, Arsenal nayo yagumye mu kibanza ca gatandatu, n'amanota 10 inyuma uravye imigwi ine ya mbere.