Kenya yatahukanye igikombe ca CECAFA intsinze Zanzibar 3-2

Ahavuye isanamu, Peter Njoroge
Umugwi nserukiragihu wa Kenya Harambe Stars watahukanye igikombe c'ihiganwa rya CECAFA c'umwaka wa 2017 inyuma yo gutsinda Zanzibar ibitego 3-2, mu rukino rwabereye ku kibuga c'inkino citiriwe Kenyatta mu gisagara ca Machakos muri Kenya.
Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganya ibitego 2-2. Mu mwanya w'inyongera, nta mugwi n'umwe washoboye kwinjiza.

Ahavuye isanamu, Peter Njoroge
Inyuma y'aho baciye batera panalite, aho buri muhawe zitanu zitanu.
Zanzibar yahushije penalite zitatu kuri zitanu ica ironka ibitego bibiri mu gihe Kenya yatsinze penalite zitatu kuri zitanu.

Ahavuye isanamu, Peter Njoroge
Harambee Stars yiginye iyo ntsinzi imaze guhabwa igikombe ca CECAFA mu birori vyitabwe n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Kenya William Ruto.

Ahavuye isanamu, Peter Njoroge
Igihugu ca Uganda ni co catahukanye ikibanza ca gatatu inyuma yo gutsinda Uburundi n'aho bwari bwatanguye ihiganwa neza, ahi bwakuyemwo ibihugu vya Ethiopia na Sudani y'epfo.






