Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yatahukanye igikombe ca CECAFA intsinze Zanzibar 3-2
Umugwi nserukiragihu wa Kenya Harambe Stars watahukanye igikombe c'ihiganwa rya CECAFA c'umwaka wa 2017 inyuma yo gutsinda Zanzibar ibitego 3-2, mu rukino rwabereye ku kibuga c'inkino citiriwe Kenyatta mu gisagara ca Machakos muri Kenya.
Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganya ibitego 2-2. Mu mwanya w'inyongera, nta mugwi n'umwe washoboye kwinjiza.
Inyuma y'aho baciye batera panalite, aho buri muhawe zitanu zitanu.
Zanzibar yahushije penalite zitatu kuri zitanu ica ironka ibitego bibiri mu gihe Kenya yatsinze penalite zitatu kuri zitanu.
Harambee Stars yiginye iyo ntsinzi imaze guhabwa igikombe ca CECAFA mu birori vyitabwe n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Kenya William Ruto.
Igihugu ca Uganda ni co catahukanye ikibanza ca gatatu inyuma yo gutsinda Uburundi n'aho bwari bwatanguye ihiganwa neza, ahi bwakuyemwo ibihugu vya Ethiopia na Sudani y'epfo.