Tony Blair: Umupira w'amaguru wofasha mu bwiyunge bwa UK

Uwahora ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza (UK), Tony Blair, yemera ko gutunganya ishiramwe ry'igihugu ry'umupira w'amaguru vyotuma UK yiyunga.
Bwana Blair avuga ko yemera ko kuvanga amashirahamwe ya Ecosse na Angleterre mw'ishirahamwe rimwe vyotuma ubucuti buri hagati y'ivyo bihugu bibiri bukomera inyuma yaho Ecosse yemerewe kwitunganiriza ivy'intwaro.
Bwana Blair yavuga na BBC ya Ecosse bahimbaza imyaka 20 irangiye hatunganijwe amatora kamarampaka y'ubwigenge.
Ao matora kamarampaka yabaye haheze amezi ane habaye amatora yatumye umugambwe w'aba Travaillistes utsinda mu matora yo mu 1997.
Ivuka ry'inama nshingamateka ya Ecosse
Usubije amaso inyuma kuri ayo matora kamarampaka-yatumye havuka inama nshingamateka ya Ecosse i Edinburgh, Bwana Blair avuga aravye inyuma "ko yari akwiye kuraba inzira zotuma Ecosse na Angleterre bigumana ku bijanye n'imico".
Yabwiye uwurongoye igisata ca Politike muri BBC ya Ecosse: "Ndazi ko bisa n'ibitangaje ariko hari igihe nagumana iciyumviro ko twokwugurura ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Angleterre hamwe n'irya Ecosse, munyuma tukayavanga."
"Naguma nibaza ingene tworondera inzira ukuntu abanyagihugu bokwumva ko bari kumwe."
Bwana Blair, umukunzi w'umugwi Newcastle United, avuga ko azoraba impamvu zumvikana zotuma ayo mashirahamwe aja hamwe.
Ariko aremera ko uwosaba ngo habe umugwi userukira uwa Ecosse, Angleterre, Pays de Galles na Irlande du Nord vyoba kure gushikako.
Yongeye ati: "Nariko ndaraba inzira zotuma, naho tutumvikanye hasabwa ubwigenge, haguma ibintu twohurizako kandi nibaza ko muri kazoza bikwiye ko tubiraba."










