Wayne Rooney yasubiye muri Everton

Rooney yasubiye muri Everton

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Wayne Rooney yasinye amasezerano y'imyaka ibiri na Everton

Wayne Rooney, akwije imyaka 31, asize ikiniye Manchester United incuro 559, aho yaronse ibitego 253 , ibikombe bitanu vyo muri Premier League, ica Europa League n'ica FA cup.

Yagiye muri Manchester United avuye mu mugwi wamureze wa Everton ari nawo yasubiyemwo, aho hari mu 2004 aho yavuye ahembwa £ 27 000 000.

Old Traford

Ahavuye isanamu, Manchester United on twitter

Insiguro y'isanamu, Man Utd yashize ubu butumwa bwo gusezera Rooney kuri Twitter

Agiye muri uwo mugwi wa Everton mu gihe nawo umaze kwemerera Romelu Lukaku kuja muri Man Utd, imutanze kuri miriyoni 75.

Rooney afise imyaka 9

Ahavuye isanamu, RexFeatures

Insiguro y'isanamu, Rooney yatanguranye na Everton afise imyaka 9

Rooney yatanguriye muri uwo mugwi wa Everyton afise imyaka icenda.

Yabaye mu bakinyi ba mbere bahembwa neza bakiri bato ariko yemera kwimuka mu 2004 ahamagawe na Sir Alex Ferguson, yamwemereye umushahara ata wundi mukinyi n'umwe ari munsi y'imyaka 20 yari bwabone.

Wayne Rooney yahawe amasezearano y'imyaka ibiri muri Everton.