Afcon 2017: RD Congo 1-2 Ghana

Ahavuye isanamu, AFP
Abavukanyi babiri Jordan na Andre Ayew ni bo binjije ibitego bibiri kuri kimwe ca RDC bishikanye umugwi wa Black Stars mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe ca Afrika.
Uwo mukinyi wo muri Aston Villa ni we yatanguye kwinjiza umunyegoli wa RDC Ley Matampi.
Paul-Jose M'poku wa RDC yaciye asubiza ico gitego ku mupira yateye ari kure cane.
Andre Ayew ni we yatsinze igitego kigira kabiri ca Ghana.
Bubaye ubugira gatandatu Ghana ija mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yikurikiranya, mu gihe bamaze imyaka 35 biruka inyuma y'ico gikombe ca Afrika.

Ahavuye isanamu, Getty Images






