Kuki urubanza rwa Pierre Basabose yagiriwe n'ivyaha vya jenoside rwajanywe muri gasamburamanza?

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
Umushingwamanza w'umubiligi yunganira Pierre Basabose aheruka kwagirwa n'ivyaha vya jenocide yo mu Rwanda, yungururije muri gasamburamanza yongera yitwarira umushikirizamanza.
Mu kwezi kwa Kigarama (12) sentare yo mu Bubirigi yakubise intahe mu gahanga Pierre Basabose na Seraphin Twahirwa ku vyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyo gufata abagore ku nguvu bakoze mu gihe ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Twahirwa yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose.
Kuri Basabose na ho, sentare yafashe ingingo ko, kubera ingorane z'amagara, yugaranirwa ahantu acungishijwe ijisho inyuma akazoja aravurwa ariko adafise uburenganzira bwo kwidegemvya.
Jean Flamme yunganira Basabose avuga ko uwo agiye gushengeza ubwa mbere ari umushikirizamanza w'igihugu muri urwo rubanza, Catherine Grosjean, ngo kuko yamwambitse ibara.
Jean Flamme agira ati: "Uyu mushikirizamanza yanyagirije ivanguramoko imbere y'abantu mu ntahe y'icese. N'ivyagiriji bikomeye ku wunganira uwuburanywa.
''Ivyo ndabifata ko ari ukuremeka icaha abunganira uwuburana kandi biraboneka neza ko vyagize ingaruka ku ngingo abacamanza bafashe''.
Uwo mushingwamanza avuga kandi ko muri urwo rubanza impande zose zitafashwe co kimwe ari co gituma yarwungururije muri gasamburamanza.
Agira ati: "Urubanza rwari ruhengamye kuva rugitangura. Jewe ubwanje ivyabona nasavye bampaye kimwe, mu gihe abo tuburana babemereye bakazana ivyabona vyose.
"Naramaze kwunguruza muri sentare gasamburamanza co kimwe na mugenzanje Vincent Lurquin yunganira Twahirwa Séraphin. Kandi sinzohereza aho, ni vyaba ngombwa nzoja i Strasbourg mu Bufaransa muri sentare nkuru y'ibihugu vya Bulaya.''
Abajijwe nimba ivyo atoba abikoze kugira adindize urubanza kubera yatsinzwe, Jean Flamme arabihakana, akavuga ko yarenganijwe bigaragara, ko rero adashobora kwemera ko urubanza nk'urwo ruhengamye rwoshirwa mu ngiro naburya amategeko abimurekurira.
Jean Flamme avuga ati: ''Oya si amayeri yo gutevya urubanza kuko urwo muri sentare y’intango rwaraheze kiretse ku basaba indishi y’akababaro.'' Jean Flamme avuga.
Ariko ku bwiwe ngo ntirurahera kuko ''narujanye muri gasamburamanza''.
Arongera ati: ''Ni ukurindira rero ingingo ya sentare gasamburamanza. Mu gihe cose iyo ngingo itazoba irasohoka, uwo nunganira nta caha kimwagira''.
Urwo rubanza rw'Abanyarwanda babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda yabaye mu 1994, rwaciwe kw'igenekerezo rya 22 Kigarama (12) 2023.
Baburanye bahakana ivyaha vyarimwo ivya jenoside, ivyo mu ntambara hamwe n'ivyo gusambanya abagore ku nguvu.
Urwo rubanza rwaciwe rumaze imisi 42 ruburanishwa i Buruseri (Bruxelles/Brussels) mu Bubirigi, inyuma y’imyaka 16 rwari rumaze mu matohoza kuva rwuguruwe mu 2007. Rwitabwe n'ivyabona vyababa 100 benshi bari baje bava mu Rwanda.










