Urubanza rwa Jenoside: Twahirwa yaciriwe uwo guherayo, Basabose nawe kwugaranirwa ahantu

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Urubanza rwa ba Banyarwanda babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda yabaye mu 1994, rwahavuye rurangira mu gicugu c’ijoro ryakeye, aho Twahirwa yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose kubera ivyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyo gufata abagore ku nguvu.
Sentare kandi yafashe ingingo ko, kubera ingorane z'amagara, Basabose yugaranirwa ahantu acungijwe ijisho inyuma yo kwagirwa n’ivyaha vya jenoside n’ivyo mu ntambara. Sentare yavuze ko azoza aravurwa ariko adafise uburenganzira bwo kwidegemvya.
Sentare ihejeje gusoma uru rubanza, hadutse imvururu zitewe n’uko Jean Flamme aburanira Twahirwa na Vincent Lurquin aburanira Basabose berekanye ko badashimijwe n’iyo ngingo, aho banagerageje kwanka ko police ijana Twahirwa mw’ibohero nkuko umushikirizamanza yabitegetse.
Ariko igipolisi cahavuye gitwara mu mvuto Twahirwa, aho yaraye ijoro rya mbere.
Ababuranira imiryango isaba indishi bavuga ko banezerejwe n’iyi ngingo ya sentare.
André Martin Karongozi, umwe muri bo, avuga ko bihimbaye kubona abakozweko na jenoside bahawe ubutungane, ni mu gihe ababuranira abagiriwe n’ivyaha bobo bavuga ko bazokwunguruza.
Jean Flamme, n’ishavu ryinshi, yavuze ko azoshika kure hashoboka.
Uru rubanza rwari rumaze imisi 42 ruburanishwa, inyuma y’imyaka 16 rwari rumaze mu matohoza kuva rwuguruwe mu 2007.










