Basabose na Twahirwa bahamijwe ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru uri i Bruxelles
Abanyarwanda Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994 bagiriwe n'ivyaha.
Uru rubanza rubera i Buruseli mu Bubiligi, rwari rumaze indwi mu mwiherero.
Urwo rubanza rwari rwitezwe gusomwa isaha icenda ku wa kabiri, rwasomwe isaha zine n'inusu z'ijoro.
Umukuru wa sentare Elisabeth de Saedeleer ni we ubwiwe yisomeye urwo rubanza. Yifashishije icegeranyo c'umwiherero cari mu mpapuro nyinshi yariko arasoma yavuze ko abaregwa bagirwa n'ivyaha.
Twahirwa na Basabose baburanye bahakana ivyo bagirizwa.
Mu kiringo kirenga amasaha atatu, umukuru wa sentare Elisabeth de Saedeleer yagize ati:
"Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose baragirwa n'ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, ivyaha vyo mu ntambara, gushaka kwica wabiteguye (tentatives d'homicide intentionnel), hakiyongerako icaha co gusambanya abagore ku nguvu batabishaka (pénétration non consentie) vyagirizwa Séraphin Twahirwa."
Uwo mukuru wa sentare avuga ko Twahirwa hari ibimenyetso bitabesha vyerekana ko yakoze ivyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntambara, kwica yabiteguye, guhimiriza Interahamwe kumara Abatutsi no gusambanya abagore ku gahato.
Yavuze ko Twahirwa "yishe abantu batagira igitigiri abaziza ko ari Abatutsi, ahamagarira Interahamwe kwica Abatutsi, yatanze ibirwanisho, aranafata abagore ku nguvu.
"Nayo Basabose yakoresheje uburyo yari afise mu kubiba urwanko rw'Abatutsi mu gutanga uburyo bugizwe n'amamodoka n'amafaranga mu kumara Abatutsi."
Yabandanije avuga ko Basabose yakoresheje imitahe yari afise muri Radio Télévision Libre des Mille Collines (RTLM), yashika ibihumbi 600Frw mu kubiba urwanko rwo kwankisha Abatutsi.
Umukuru wa sentare yanavuze ko Basabose ubwiwe yahagarikira ubwicanyi, ahandi agaha impembo Interahamwe zivuye n'izigiye kwica, aho n'imodoka ziwe zatwara ibirwanisho.
'Intsinzi y'ubutungane'
Ku ruhande rw'abacikacumu, barashima urwo rubanza. Ernest Sagaga arongoye umuryango IBUKA uhurikiyemwo abarokotse jenoside, ishami ryawo ryo mu Bubiligi, yavuze ko bibaruhuye ku mutima.
Ati: "Runo rubanza ruradushimishije cane kuko ni intsinzi y'ubutungane ku bwicanyi, nubwo vyatevye ariko turashimye ivyabaye kuko bihoza ababuze [abiciwe].
"Hariho abapfuye barabuze ababo bataronka ubutungane, runo rubanza ni icigwa ku bakoze jenoside ko bitebe bitebuka bazocirirwa imanza."

Ivyo babihurizako na André Martin Karongozi aburanira ababuze n'abasaba indishi, aho avuga ati:
"N'intsinzi y'ubutungane, n'intsinzi y'ukuri yerekana ko ivyaha vya jenoside bitegerezwa guhanwa kandi ko ababikoze batosinzira."
'Ni inkinamico si urubanza'
Ariko uruhande rw'abaregwa bavuga ko ari urubanza ruhengamye.
Jean Flamme aburanira Basabose yagize ati: "Ni ubutungane buhengamiye ku Batutsi na FPR kubera ari bo batsinze urugamba.
"Ibibaye ngaha ni inkinamico si urubanza. Ni agahomerabunwa kubona uwo mburanira yagirwa n'icaha, ntako novyita, ni akarenganyo."

Urwo rubanza rwamaze iminsi 40 ruburanywa i Buruseli. Rwamaze imyaka 16 mu matohoza kuko rwuguruwe mu 2007.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa kane sentare ikorana, kugira ihitemwo igihano abaregwa bazohabwa.











