Bamwe barize abandi barasohoka ku majambo ya Jean Flamme aburanira Pierre Basabose aregwa muri jenoside yo mu Rwanda

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
Ku munsi ugira uwa 35 w'urubanza rw’Abanyarwanda babiri Pierre Basabose na Seraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vyo muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, sentare yahaye ijambo rya nyuma uwuburanira Pierre Basabose kugira asozere imburano.
Umushingwamanza Jean Flamme yasavye abazoca urubanza ico yise kugarukira agateka k’Abahutu - bacinyijwe - mu kweza uwo aburanira.
Mu kiringo kirenga amasaha arenga atatu, Jean Flamme - mu majambo akarishe- yavuze ko urwo rubanza ruregwamwo Basabose aburanira, ari urwo gucinyiza Abahutu bo mu Rwanda bari bakomeye kuri reta ya perezida Juvénal Habyarimana.
Yagize ati: “Nanka kubabesha uyu ni umutego wa leta ya FPR na prezida w’Urwanda bateze ubutungane bw’Ububiligi kugira babandanye gucinyiza abahutu bari bakomeye kuri Habyarimana.''
Uwo mushingwamanza amahano yabaye mu Rwanda yayegetse kuri FPR ya perezida Kagame avuga ko ''bagomye guhonya Abahutu babanje kubangaza muri Congo yahoze ari Zaire aho benshi batikiriye.''
Jean Flamme yemeza ko yiboneye amahano Abahutu baboneye aho muri Congo ''bicishwa ama bombe n'inzara bikozwe na FPR,'' akavuga ko yanavyanditse mu gitabo ciwe Le Rwanda 1994: La conspiration des Tutsi.
Yavuze ko biciye kuri urwo rubanza ''FPR irondera kumarira udusigarira tw’Abahutu bari bifise ku ntwaro ya Habyarimana”.
Jean Flamme amahano yose ayegeka kuri FPR
Amajambo ya Jean Flamme yahungabanije bamwe mu bari muri sentare barimwo abacikacumu aho abatari bake amosozi yabatanze hasi abandi baricurikira ndetse abandi biranka ko bihangana bahitamwo gusohoka.
Naho bamwe mu bari muri sentare baguma bimyoza, Jean Flamme yabandanije ashimangira ko ivyo avuga abifitiye ivyemezo.
Yemeje ko ''ubwo bwicanyi bwo mu 1994 ari FPR yabukweze mu gukorora indege ya perezida Habyariamana''.
Avuga ko avyemenga akavuga ko hari n'abandi bahinga bavyanditse nka ''Charles ONANA, Michaela Wrong, Judi Rever,'' n'abandi benshi yagiye aradondagura barimwo n'uwo avuga ko yahoze ari ya FPR Lieutenant Aloys Ruyenzi.

Yasobanuye ko itashaka ko amasezerano ya Arusha aja mu ngiro. yavuze ko ivyo na Theogene Rudasingwa yahoze ari umunyabanga mukuru wa FPR yabigarutseko.
Jean Flamme yasozeye asaba ko uwo aburanira yokwezwa kuko ataco yagirizwa, n’abamwagiriza avuga ko babitegetswe.
Ashimitse cane yagize ati “Basabose yarejejwe na Gacaca, abo mwumvise bamwagirije barabitegetswe kandi no muri sentare yashiriweho Urwanda TPIR, ntiyigeze arengutswa.''
Abaregwa uko ari babiri, Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bompi bari muri sentare.
Abunganira Twahirwa aribo Vincent Lurquin n’umukobwa wiwe Juliette Lurquin nabo bahabwa ijambo rya nyuma kuri uyu wa gatanu imbere y'uko, humvirizwa abaregwa ku munsi wa nyuma w’urwo rubanza itaiiki 11 z'uku kwezi kwa Kigarama (12).










