Jenoside-Rwanda: Mu gusozera urubanza, Twahirwa ati 'ndicuza ko nabaye umunywanyi wa MRND'

Pierre Basabose (i bubamfu) na Séraphin Twahirwa ( i buryo) bahakana ivyo bagirizwa bagasaba kwambikwa izera

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Pierre Basabose (i bubamfu) na Séraphin Twahirwa ( i buryo) bahakana ivyo bagirizwa bagasaba kwambikwa izera

Inyuma y’imisi 40 ruburanishwa, rwa rubanza rwa Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside rwasozerewe.

Mu ntahe yo ku wa kabiri yo gusozera uru rubanza abaregwa basavye kwambikwa izera.

Twahirwa ari na we yatanguye kwumvirizwa, yavuze ko azirikana abantu bose bishwe muri jenoside, barimwo n'abo mu muryango wiwe, ariko ko ata muntu n’umwe yigeze yica, mbere ko yicuza kubona yari mu mugambwe MRND.

Avuga ati: “Ni ukuri ndicuza kuba narabaye umunywanyi wa MRND ndetse nkaba nari naramanitse ibendera ryayo ku rugo iwanje, ariko bivanye n’ubumuga nari mfise nta nguvu zo kuja mu bikorwa vy'ubugumutsi canke vy’ubwicanyi nari gushobora".

Avuga ko yababajwe n’ivyabona vyagiye biraza muri sentare, akabona ko bari bafise intumbero yo kumwagiriza ibinyoma, akaba asaba kwezwa kuko ku bwiwe bamubesheye.

Ku ruhande rwa Basabose, yabwiye sentare ko yaba i Gikondo mu nzu yahoze ari iya Pasteur Bizimungu yatwara FPR, akaba yari yarayiguze muri camunara.

Avuga ko ku wa 8 z’ukwa kane 1994 yavuye aho yaba i Gikondo agahungana n’umuryango wiwe kubera bashaka kumwica no gutwara imitungo yiwe.

Ati: “Ico gihe iduka ryanje naryo bararisahuye, nta kintu na kimwe casigayemwo. Jewe naciye mbandanya nja muri Zaïre (DRC ubu), aho nari nsanzwe mfise amabuye yo mu bwoko bwa colombo tantalite narungika mu Burusiya.

“Ivyo abantu banyagiriza vyose rero bomenya ko vyabaye ntahari, nayo imbere ya jenoside, akenshi si naba ndi mu Rwanda, naba ndi mu ngendo z'akazi”. Avuga ko ahubwo wewe ari umucikacumu.

Abandanya avuga ko bamurasiye i Nairobi muri Kenya, agasigura ko abadandaza bagenziwe ari bo bamufashije mu bijanye no kwivuza, kandi ko amaze gukira yaciye abandanya urugendo rwamushikanye mu Burusiya gucuruza amabuye y'agaciro.

Yabwiye sentare ko yavuye aho mu Burusiya aja mu Bubiligi.

Ati: “Ngeze hano natanguye gukora ubucuruzi bwagiye guhagaraga batanguye kunyagiriza ubwicanyi mu Rwanda, ariko jewe nta muntu nishe nta n’uwo natumye".

Uru rubanza rwaraye rushizwe mu mwiherero ni rumwe mu manza za jenoside zaranzwe no kwumviriza ivyabona vyinshi, aho humvirijwe abababa 100.

Bitegekanijwe ko ibizoruvamwo bizomenyekana inyuma y’iyinga (icyumweru mu Kinyarwanda).