Obiang: Prezida amaze imyaka 43 ku butegetsi agira asubire kwitoza muri Guinee Equatoriale

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'igihugu wa mbere arambiye ku butegetsi kw'isi ariko ararondera gusubira kw'itoza inyuma y'imyaka 43 amaze ku butegetsi muri Guinee Equatoriale.
Prezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo w'imyaka 80 afise intwaro ivugwamwo guhonyanga agateka ka zina muntu, cane cane kuboreza igufa abantu no kubanyuruza.
Bamwe mu batavuga rumwe na reta bari muri aayo matora ariko ntibiteze kuyatsinda.
Uwo muprezida yagize icibare ciwe ico gihugu kirangwamwo ubutunzi bw'igitoro, aho abo mu muryango wiwe bari mu bibanza bikomakomeye.
Umuhungu wiwe, ari mu kibanza c'icegera ca prezida, Teodoro "Teodorin" Nguema Obiang Mangue, yaragize ubuzima buzimvye cane muri Amerika n'i Buraya, akaba mbere anafise ibirato vy'intoke bizimvye cane biriko amabuye y'agaciro vyahoze ari ivyo umuririmvyi rurangiranwa Michael Jackson, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'Ubwongereza.
Prof Ana Lúcia Sá yabwiye BBC ati:"Ayo matora nta co aje guhindura."
Prof Sá umuhinga mu vya politike n'intwaro z'agahahazo zo muri Afrika kuri kaminuza ya Lisbon yagize ati:"Ntakizohinduka".
Yongeyeko ko "azi nezako Obiang azotorwa n'amajwi arenga 95%".
Ibi kandi babihurirako n'uwuharanira agateka ka zina muntu Tutu Alicante, yabwiye itororokanirizo ry'amaakuru rya Reuters:"Ku musi wa Mungu abantu bazotora uko reta ibibitezeko, kubera ntushobora kuvuga wisanzuye ico wiyumvira muri Guinee Equatoriale."
Alicante abandanya avuga ati:"Abatavuga rumwe na reta nta maahirwe bafise. Araza kugira ibishoboka vyose kugira ntave ku butegetsi."
Imigambwe itavuga rumwe na reta barapfa kuyireka igakora ariko ikagira ikibazo c'uko ata tangazamakuru ryigenga rihari, kuko ibinyamakuru vyose, bitari mu minwe ya reta, biba ari ivyo abayishigikiye.
Vyibazwa ko prezida Obiang yaheruka guhakana ivyo guhonyanga agateka ka zina muntu n'ubusuma mu matora, ariko aragerageza kugira isura nziza mu makungu.
Mu kwezi kw'icenda, reta yarakuyeho igihano co gupfa, ingingo yashimwe na Onu.










