Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyuma y'imyaka 80, umukuru wa Nagasaki aragabisha ku ntambara ya nikleyeri
- Umwanditsi, Shaimaa Khalil
- Igikorwa, Tokyo Correspondent
- Umwanditsi, Patrick Jackson
- Igikorwa, BBC News
Umukuru w'igisagara ca Nagasaki atera akamo amahanga kurangiza intambara ziriko ziha inkumbi, kw'isabukuru y'imyaka 80 irangiye ikibombe ruhonyanganda c'ubumara gitikije iki gisagara co mu Buyapani.
Mw'ijambo ry'amahoro yashikirije mu birori vyo kwibuka aya mahano yabaye ku gisagara ciwe kw'itariki nk'iyi, Shiro Suzuki yagize ati: "Intambara kw'isi yose ziriko ziraba ndanse mu buryo bwo guhangana no gucanamwo.
"Ni twabandanya muri iyi nzira, bizorangira twisanze mu ntambara ya nikleyeri".
Iki kibombe catewe kuri iki gisagara ca Nagasaki ku wa 9 Myandagaro (8) 1945 kigahitana abantu bababa 74.000 mu kanya isase, abihweza ibintu n'ibindi bakavuga ko ari kimwe mu vyatumye Ubuyapani bumanika amaboko intambara ya kabiri y'isi yose ica irarangira.
Mu myaka yakurikiye, benshi mu barokotse bagiye kwandura kanseri y'amaraso (leucémie) canke izindi ngaruka zikomeye zandurutse ku vyuka vy'ubumara (radiation).
Ibi birori vyo kuri uno wa gatandatu vyahimbajwe inyuma y'imisi mike hibutswe igitero c'ikibombe ca mbere ruhonyanganda c'ubumara ku wa 6 Myandagaro 1945, carekuriwe ku gisagara ca Hiroshima mu Buyapani nyene, haraciye imyaka 80, kigahitana abantu bababa 140.000 mu kanya isase.
Iki kibombe ca Nagasaki, cari kinini kandi gikomeye cane, cakubuye uturere twose mu misegonda mike cane.
Ibirori muri iki gisagara casanasanywe vyatangujwe n'akanya k'agacerere.
Mu butumwa bwahawe isi yose, inkengeri zibiri z'isengero nkuru ya Nagasaki zasamiraniye ica rimwe ku ncuro ya mbere kuva habaye iki gitero.
Muri ibi birori vyo kuri uno wa gatandatu, hatanzwe ishikanwa y'amazi nk'ikimenyetso co kwibuka ukungene - imyaka 80 iheze abahitanywe n'iki kibombe urukoba rwabo ruriko rurasha, batakamba basaba amazi.
Uno musi, abitavye ibi birori mu runganwe rutandukanye, harimwo n'uwuserukira abarokotse, batanze amazi mu kwerekana icubahiro baha abatikiriye muri uwo muriro wa nikleyeri.
Mw'ijambo ryiwe, Suzuki yagize ati: "Ku wa 9 Myandagaro 1945, ikibombe ruhonyanganda c'ubumara cararekuriwe kuri iki gisagara.
"Uno musi, imyaka 80 kuva uwo musi, ni nde yari kwibaza ko isi yacu yoshobora kuba uko imeze ubu? Ni ukuri ni muhagarike imishamirano aho 'igikenye cishurwa n'igikenye'."
Hiroshi Nishioka w'imyaka 93 yarokotse iki kibombe, ico gihe akaba yari ku birometero bitatu gusa vy'aho caturikiye, yabwiye abari mu birori ibintu biteye ubwoba yiboneye.
Yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ati: "N'abagize amahirwe [abatari bakomeretse cane] bahavuye batangura kuva amaraso mu menyo, batakaza imishatsi, bagenda bapfa umwe inyuma y'uwundi.
"Nubwo intambara yari ihagaze, ikibombe ruhonyanganda casize amahano ataboneka".
Atsuko Higuchi w'imyaka 50 aba i Nagasaki yabwiye AFP ko aryohewe kubona abazize iki kibombe muri iki gisagara bariko baribukwa.
Uno mupfasoni yongerako ati: "Aho kwibaza ko ibi bintu ari ivya kahise, ni ngombwa ko twibuka ko ibi ari ibintu vyo nyavyo vyabaye".
Mu ntambara ziriko ziriha inkumbi muri kino gihe harimwo intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine, be no hagati ya Israel n'umuhari Hamas wo muri Gaza.
Harabaye impari mu mwaka uheze igihe Nagasaki yanka gutumira Israel mu birori, ivuga ko hari ku mvo z'umutekano.
Uno mwaka, umukuru w'igisagara avuga ko Israel yari yatumiwe, co kimwe n'Uburusiya n'incuti yabwo ya Biélorussie, vyari vyashizwe ku ruhande kuba Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine mu 2022.
Amasezerano mpuzamakungu abuza ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara yatanguye kuja mu ngiro mu 2021.
Ibihugu birenga 70 vyarateye igikumu kuri ano masezerano, ariko ibihugu bitunze ibi birwanisho vya nikleyeri ntibiyerekwa, bikavuga ko ari ivyo kuzibira kugira ngo ntihagire ibindi bihugu bibitera.
Ubuyapani na bwo nyene ntibwerekwa aya masezerano abuza ibi birwanisho, bukavuga ko umutekano wabwo utsimbatajwe n'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.