Bishasha mu ntambara ya Ukraine: Putin aremera ibiganiro, ariko vyanse yiteguriye kubandanya intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ariteguye guhagarika intambara muri Ukraine mu gihe hoba amasezerano y’amahoro, ariko akaba ayategeka impande zompi kuguma aho zigeze ku rubuga rw’intambara, nk’uko amasoko ane yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Aho nyene, nk’uko aya masoko abivuga, ari nka hamwe Ukraine n’Uburengero bitokwemera ibi, Putin yiteguriye kubandanya intambara.
Amasoko atatu yabwiye iri tororokanirizo ry’amakuru ko Putin, mu kiganiro yagiranye n’akarwi gatoya k’abahanuzi, agaragaza ko atishimiye ingendo y’ibihugu vy’Uburengero, ku bwiwe, bishigikiye ingingo ya Perezida Volodymyr Zelensky yo kwanka ibiganiro n’Uburusiya.
Isoko rya kane, iri rikaba ari umuntu akorana na Putin kandi ari inararibonye mu biganiro vyo ku rwego rwo hejuru vya Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya), rigira riti: “Putin arashobora kurwana mu gihe cose bizoba ari nkenerwa, ariko kandi ariteguriye guhagarika intambara”.
Ni mu gihe Brezili n’Ubushinwa bisaba ko hategurwa inama mpuzamakungu yo kurondera ingene intambara yohagarara, inama Uburusiya na Ukraine vyompi vyemera.
Ku ncuro ya mbere, Ubushinwa bwateye igikumu ku rwandiko rusangi na Brezili kuri ino ntambara, urwandiko rutanga iyindi nzira ku mugambi w’amahoro w’Uburengero, ni inyuma y’umubonano wabaye ku wa kane hagati y’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire Wang Yi hamwe na Celso Amorim, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu ca Brezili.
“Ubushinwa na Brezili birashigikiye inama mpuzamakungu y’amahoro mu gihe nyaco, izoba ishigikiwe n’Uburusiya hamwe na Ukraine, aho impande zompi zizoserukirwa ku rugero rungana kugira ngo ziganire ku mugambi w’amahoro”, niko iri tangazo rusangi ryatereweko igikumu ku mugwa mukuru w’Ubushinwa Pékin/Beijing rivuga, rigasubirwamwo n’ikinyamakuru Bloomberg.
Iri tangazo mu bisanzwe risubiramwo amajambo aherutse gukoreshwa na Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa.
Bitegekanijwe ko Ubuswisi “bwakira inama mpuzamakungu y’amahoro” hagati y’itariki 15 na 16 z’ukwa gatandatu, ikaba itegura kwiga ku bisabwa kugira ngo intambara ihagarare muri Ukraine.
Ibihugu bitari bike hampande y’Uburusiya biramaze kuronswa ubutumire bw’iyi nama, ariko si vyose vyiteze kwitaba. Umukuru w’igihugu ca Brezili Lula da Silva yaramaze gufata ingingo yo kutayitaba. Eka ntibizwi neza nimba abaserukira Ubushinwa bazoyitaba.
Stoltenberg: Harageze kureka Ukraine igakoresha ibirwanisho vya OTAN ku butaka bw’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamabanga mukuru wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru the Economist, asaba ko ibihugu bihurikiye muri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe vyahaye Ukraine ibirwanisho gukuraho inzitizi kw’ikoreshwa ryavyo kugira ngo bikoreshwe mu gutera ibibanza hagati mu Burusiya.
Muri iki kiganiro c’ejo ku wa gatanu, Stoltenberg agira ati: “Harageze ko ibihugu bihurikiye hamwe vyiyumvira ingene vyokuraho zimwe mu nzitizi vyashizeho ku vyerekeye ikoreshwa ry’ibirwanisho vyahaye Ukraine.
“Cane cane ubu, mu gihe hari intambara zikomeye i Kharkov, hafi y’umupaka, kubuza Ukraine gukoresha ibi birwanisho ku bibanza vya gisirikare ku butaka bw’Uburusiya bigeramiye Ukraine, ntibiyorohereza gukingira ubutaka bwayo”.
Ku ruhande rwiwe, uwasubiriwe na Stoltenberg mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’uru runani, Anders Fogh Rasmussen, yari aherutse gutera akamo ko kwemerera ibihugu vya OTAN vyo mu buseruko bwa Bulaya gukoresha uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere mu ntumbero yo gusambura ibisasu vya misire n’indege zitagira abadereva vy’Uburusiya bigeramiye Ukraine.
Stoltenberg ntashigikiye iki ciyumviro. Avuga ati: “Ntituzokwinjira muri ino ntambara”. Ku bwiwe, igikorwa c’Uburengero ni ikindi - “kubuza ko ino ntambara yohinduka ikavamwo ugutana mu mitwe kweruye hagati y’Uburusiya na OTAN ku mugabane wa Bulaya”.
Ku bwa Stoltenberg, kwemerera Ukraine gutera ibibanza vyo ku butaka bw’Uburusiya ikoresheje ibirwanisho ihabwa n’Uburengero hamwe n’uruhara rweruye rwa OTAN muri ino ntambara si co kimwe, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru the Economist.
Stoltenberg ati: “Ukraine turayikoresha imyimenyerezo, turayiha ibirwanisho n’amasasu, ariko ntidushobora kwinjira mu buryo butaziguye muri ino ntambara hanze ya Ukraine canke hagati muri Ukraine tuvuye ku butaka bwa OTAN. Iki ni ikindi kintu”.
Perezida Zelensky yama ariko arasaba incuti ziwe z’Uburengero “kwerekana ugushaka” no kwemerera igihugu ciwe gukoresha ibirwanisho vyabo mu bitero vyaco ku butaka bw’Uburusiya.
Amerika yemereye Ukraine izindi miriyoni 275 z’amadorari
Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zigiye guha Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare igera ku miriyoni 275 z’amadorari y’Abanyamerika.
Nijoro ku wa gatanu, umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Antony Blinken yavuze ati: “Uno musi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko zigiye guha Ukraine ibindi birwanisho n’ibikoresho mu gushigikira intwari za Ukraine ziriko zirwanira igihugu cazo”.
Iyi mfashanyo irimwo cane cane ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa HIMARS MLRS, ibisasu vya muzinga, ibisasu vya Javelin na AT-4 bikoreshwa na vya muzinga bisambura ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, hamwe n’ibindi bikoresho.
Ubudagi bwarungikiye Ukraine ubuhinga bwa IRIS-T bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere
Eka n’ubushikiranganji bw’Ubudagi bujejwe kwivuna abansi buremeza amakuru atangazwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi avuka ko hari ibindi birwanisho vyo mu bwoko bwa IRIS-T vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere vyarungikiwe Ukraine.
Mu butumwa bwacishije ku rubuga rwa X, ubu bushikiranganji buvuga buti: “Reta y’Ubudagi yarungikiye Ukraine ibindi birwanisho vyo mu bwoko bwa IRIS-T”.
Boris Pistorius , umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe kwivuna abansi, avuga ati: “Hamwe n’ibirwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot biherutse gutangwa, turiko turatsimbataza igisata ca Ukraine kijejwe kwivuna ibitero vyo mu kirere mu ntambara yayo y’ubugome yatewe n’Uburusiya burondera kuyinyaga ubutaka, ibi bikaba biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu”.
Abadereva b’indege ba Ukraine bahejeje inyigisho zo gukoresha F-16 muri Amerika - Politico
Ni mu gihe umurwi wa mbere w’abadereva b’indege ba Ukraine bahejeje inyigisho zabo za mbere zo kunyonga za ndege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16 muri Amerika, nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru mpuzamakungu Politico gisubiramwo uwujejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere.
Abadereva b’indege ba Ukraine bari bamaze igihe bigishwa kunyonga izi ndege za F-16 ku kigo c’igisirikare kirwanira mu kirere kiri ahitwa i Tucson mu ntara ya Arizona kuva mu kw’icumi.
Nk’uko amakuru yashikiriye Politico abivuga, aba badereva bamaze kurungikwa i Bulaya, aho bazohabwa inyigisho zindi.
Nta gitigiri c’aba badereva bahejeje izi nyigisho muri Amerika cashizwe ahabona ku mvo z’umutekano wabo.
Ubuholande, Danemark, Norvège, n’Ububirigi vyaremeye guha Ukraine indege z’intambara zitari nke, kuva kuri 45 gushika kuri 60.













