Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Israel igiye gutezura inyuma y'ingingo ya sentare ya ONU kuri Gaza

    • Umwanditsi, Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bijanye n'imigenderanire - Jerusalem

Iki ni ikintu Israel yamye irondera kuzibira: gusabwa guhagarika ibitero vya gisirikare reta ifata ko ari ngombwa kugira itsinde Hamas yongere itahukana n'impfungwa zanyururijwe muri Gaza.

Ariko nta kintu na kimwe ubu cerekana ko Israel izohava ihindura inyuma y'iyi ngingo y'ejo ku wa gatanu yafashwe na Sentare nkuru ya ONU (ICJ).

Ibimodoka vy'intambara vyayo bitamenwa n'amasasu asanzwe bibandanya bisatira bitera bija hagati mu gisagara ca Rafah, mbere mu gihe hariko hasomwa iki cemezo, ibitero vy'urutavanako vy'indege ni vyo vyariko birabandanya kuri Rafah.

Bamwe mu begereye umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu bakiranye uburakari iki cemezo, bakagiriza iyi sentare ko yerekanye urwanko ifitiye Abayahudi (antisémitisme) kandi ko yegamiye ku ruhande rwa Hamas.

Eylon Levy yahoze ari umuvugizi wa reta avuga ko umukuru w'iyi sentare, Nawaf Salam, ari umunya-Libani kandi ko atosubiye “mu gihugu ciwe iyo aruca ukundi".

Ariko ku banegura Netanyahu, iki ni kimwe mu bimenyetso vyerekana ko Israel ibandanya ikumirwa ku ruhande ku rwego mpuzamakungu.

Imbere y'uko iki cemezo gifatwa, hari ibindi bimenyetso:

Israel irababajwe cane no kubona ivyo ivuga ataco vyabwiye abacamanza ba ICJ.

Ivuga ko yashoboye gukora ibishoboka vyose kugira ngo abasivire bakingirwe imbere yo kurungika ingabo muri Rafah.

Ivuga kandi ko iriko ikora uko ishoboye kugira ngo imfungurwa n'ibindi nkenerwa vyinjire muri Gaza.

Hari ho bimwe vyerekana ko ivyo ivuga birimwo ukuri. Abantu barenga 800.000 barashoboye kuva muri Rafah.

Hanyuma kandi, nubwo ari vyo ko imfashanyo yinjiye mu bumanuko bwa Gaza ari nto cane kuva igitero c'i Rafah gitanguye, haraciye indwi hafi zitatu, Israel imaze kwemerera amajana n'amajana y'amakamyo y'ibidandazwa kwinjira, ibi bigasigura ko mu duce tumwe tw'aka karere, imfungurwa ziriyo (nubwo atari bose bashobora kuba bafise uburyo bwo kuzironka).

Nubwo haciye igihe haba ukugabisha ko ikigoyi gishobora gutera, cane cane mu buraruko, nta nzara iratera abantu mu kivunga.

Ahubwo, ibinti bishobora kuba bimeze neza ku rugero kanaka inyuma y'aho hugururiwe ibindi bibanza vy'ijabukiro.

Ariko ibi bisa n'uko ataco bibwiye ino sentare. Ivuga ko hari igico kinini c'abanyagihugu baherutse guta izabo, iki kikaba ari ikintu gishasha cerekana ko ubuzima bw'abanyagihugu ba Palestine bugeramiwe cane, ibi navyo bigasaba ko hafatwa ingingo.

Afrika y'Epfo ivuga ko Rafah ari wo "murongo wa nyuma wo kurwanira" Gaza. Ivuga ko ari nka hamwe Rafah yobona amahano nk'ayabereye mu bindi bisagara, Abanyapalestina bashobora kugwa mu kaga katagira ikigereranyo.

Ibi ni vyo ino sentare iriko iragerageza kuzibira.

Israel ivuga ko iyi atari yo ntumbero y'ibitero vyayo mu bumanuko kandi iboneka ko yiteguriye kubandanya.