Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Francine Niyonsaba ntazoja mu mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi yimirije
Peres Jepchirchir yatahukanye ihiganwa rya Olempike mu kwiruka marathon ku ruhande rw’abagore, hamwe na Francine Niyonsaba ntibazoja mw’ihiganwa mpuzamakungu ryo kunonora imitsi (World Athletics Championships) muri kuno kwezi.
Uyu munya-Kenya Jepchirchir yarahinyagaye mu mafyigo, na yo umurundikazi Niyonsaba yagize ikibazo mu kuguru.
Jepchirchir yabwiye ikinyamakuru co muri Kenya The Nation ati: "Ndababara mu mafyigo no mu kuguru kwose”.
Niyonsaba, umunonotsi yatahukanye umudari w’ifeza mw’ihiganwa rya Olempike mu gusiganwa ku metero 800 mu 2016, yimuriwe ku ntera za 5000 na 10000.
Uyu murundikazi w’imyaka 29 yabujijwe kwiruka kuri izi ntera 800 yari amenyereye mu 2019 kubera ikibazo c’imisemburo ya testosterone iri ku rugero rwo hejuru.
Jepchirchir w’imyaka 28, yaratahukanye umudari w’inzahabu i Tokyo mu mwaka uheze mu kwiruka ku mwanya w’amasaha abiri n’iminota 27 n’amasegonda 20, atsinda mugenziwe Brigid Kosgei n’umunyamerikakazi Molly Seidel.
Uyu munonotsi yatsindiye amahiganwa mpuzamakungu ya marathon ku ruhande rw’abagore mu 2016 na 2020 yongerako ati: "Ndababaye cane ariko sinohava nunyura imvune na rirya tugifise irindi higanwa mu mwaka uza imbere y’uko nja kurwanira intsinzi yanje ya Olempike mu 2024 mu nkino zizobera i Paris”.
Jepchirchir yatsindiye ihiganwa rya mbere rya marathon i Boston mu kwa kane akaba yaratevye gushirwa ku rutonde rw’umurwi w’abakenyakazi bane ba Kenya bazohiganwa muri marathon i Eugene.
Ku ruhande rwiwe, Niyonsaba avuga ko ata kundi yari kugira atari ukuva muri iri higanwa rizobera muri Amerika.
Aciye ku rubuga rwa Instagram yanditse ati: "Haraciye hafi ukwezi kumwe ntanguye kwumva imvune yo mu kirenge. Jewe n’abo dufashanya twarakoze ibishobora vyose kugira nkire.
"Ubu meze neza ariko sinashoboye kwimenyereza muri iki kiringo cose, rero uko meze ubu sinumva ko vyonshobokera guhiganwa uko ndavyipfuza”.
Niyonsaba, Umurundikazi wenyene amaze gutsindira umudari wa Olempike, yarakoze birashimwa mw’ihiganwa Diamond League ryabereye i Doha mu kwa gatanu, aho yiruka imetero 3000.
Mu mahiganwa ya Olempike y’umwaka uheze, yahejeje ari mu kibanza ca gatanu ku metero 10000 ku ruhande rw’abagore, akaba yaciye umuhigo, kuko yari ahejeje guhindura intera ahiganwako inyuma yo kubuzwa guhiganwa hagati y’imetero 400 na 1500 kubera imisemburo ya testosterone irenze urugero.
Aya mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi (World Athletics Championships) azotangura ku wa gatanu akazorangira ku wa 21 Mukakaro (7).