"Tugiye gufata ibirwanisho ducungure igihugu cacu"-Bamvuginyumvira.

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Yakoze inkuru ari, Belgium
Kugira biyamirize ivyavuye mu matora ngo bagiye gufata ibirwanisho
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru mu mpera z'ino ndwi i Buruseli mu Bubiligi bamwe mubanye politike bahurikiye mu mirwi itatu ya politike bahunze Uburundi ariyo Cfor Arusha(La Coalition des Forces de l'Opposition Burundaise pour le Rétablissement de l'Accord d'Arusha) CN ingeri ya rugamba (Coalition pour la Renaissance de la Nation) yari yaserukiwe Na Chauvinau Mugwengezo asanzwe ari umuvugizi w'uyo murwi akaba yahoze arongoye umugambwe UPD Zigamibanga na Map Burundi (mouvement d'action patriotique) wari waserukiwe n'umuvugizi wayo Liberat Ntibashirakandi, bemeza ko bagiye gufata umuheto kubera ubusuma bw'ikivunga bwabaye mu matora bugiye gutera intwaro ya ryogora duhure.
Frederique Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu yabaserukiye avuga ko atayindi nzira isigaye yo guhakana ivyavuye mu matora atari gufata ibirwanisho
Ati: «Twarabonye amatora yibwa ku mugaragaro, abantu bategekwa aho batora, abandi bakakwa amakarata, hari n'abo batoreye ku nguvu ivyo vyarabaye ntidushobora kuvyihanganira ko umugambwe uri kubutegetsi uducura bufuni na buhoro, tugiye gufata ibirwanisho ducungure igihugu cacu, barashaka batwice ariko twahagurutse kugira turwanye ubutegetsi buhari twitwaje umuheto kandi birashoboka cane. ''

Naho adatomora neza ukwo umurwi wabo uzoba witwa n'abazoba bawugize yemeza ko gufata ibirwanisho ari ntabanduka. Avuga ko ari benshi mu bafise ico cifuzo co gufata ibirwanisho mu gutanguza urugamba yita 'urwo kwibohoza', kandi barimwo abari hanze n'abari mu gihugu.
Mu gihe hari abanye politike basavye ibiganiro nka Uprona muri urwo runani rw'abanye politike, abenshi bahunze igihugu kuva 2015, bavuga ko ivy'ibiganiro bitabaraba kuko bagerageje kenshi vyanka, Frederiko Bamvuginyumvira avuga ko bamaze kugerageza ivy'ibiganiro akarenga 8 ariko atacavuyemwo ari naco gituma bahisemwo inzira y'indwano kuko ariho bovuga bakabumvwa.

Therence Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi yabwiye BBC ko ari ingendo iteye isoni yise kwidigadiga canke kwirikigita mu Kinyarwanda.
Ati: "Ni ingendo igayitse kubona abantu baba mu gihugu gifise amategeko nk'Ububiligi bashira imbere gufata ibirwanisho birateye agahinda kuko harimwo n'abaranguye amabanga mu Burundi, ivyo novyita kwidigadiga kuko abarundi baratoye, batora neza ata musunikano kandi vyabereye ku mugaragaro ,ubutegetsi butangwa n'abanyagihugu biciye mu matora, umunye politike aciyumvira gufata ibirwanisho muri kino gihe ni umwansi w'igihugu agomba guhuvya abantu, ahubwo ni baze mu murongo w'abandi mu kwubaka igihugu nk'Abarundi bose na burya umukuru w'igihugu c'Uburundi atera akamo Abarundi bose gufatana munda"
Ni ubwa mbere abanyepolitike b'Abarundi bari mu buhungiro bavuze k'umugaragaro ko bagiye gufata umuheto kuva mu mwaka wi 2015 haduze indyane ziturutse ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu catumye abenshi bahungira mu bihugu vya Afrika cane cane c'u Rwanda no kumugabane wa Bulaya; n'aho bari biyegeranije mw'ihuriro bise Cnared ryahuza bamwe mu banyepolitike bahunze n'amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike bagumye bemeza ko indwano ari ari iy'ivyiyumviro.










