Umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana avuga ko ata biganiro hagati ya leta na CNARED

Umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana avuga ko ata biganiro biri hagati ya CNARED na leta y'u Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana avuga ko ata biganiro biri hagati ya CNARED na leta y'u Burundi

Ibiro vy'umuhuza mu Burundi bivuga ko ata biganiro biriko biraba hagati ya leta y'u Burundi n'abanyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bahungiye hanze.

Amakuru yakwiragijwe ku mbuga hwaniro mu minsi iheze yavuga ko Edouard Nduwimana, umuhuza w'Abarundi, yabonanye n'abanyepolitike bahurikiye mw'ihuriro CNARED mu gisagara ca Nairobi muri Kenya mu mpera z'ukwezi kw'umunani guheze.

Itangazo ryasohowe ku wa gatatu w'iyi ndwi n'ibiro vy'umuhuza rivuga ko izo ntumwa zari zirongowe na Bwana Nduwimana zabonanye nabo nk'urwego rw'umuhuza, ariko batari barungitswe n'ubutegetsi bw'u Burundi.

Umuhari CNARED wo wemeza ko habaye ibiganiro hagati y'intumwa zirungitswe na leta kandi ko bumvikanye ibitari bike, ariko y'uko hari akarwi k'abari ku butegetsi kanse ivyo bumvikanye.

Mw'iryo tangazo, umuvugizi w'ibiro vy'umuhuza w'abarundi avuga ko izo ntumwa zashoboye kuvugana na bamwe mu banyepolitike bari hanze badakurikiranwa n'ubutungane, mu ntumbero y'ukubahimiriza gusubira mu gihugu.

Avuga ko abo banyepolitike bamushikirije ibibazo bitari bike, harimwo n'ivyobanza gukorwa kugira ngo basubire mu gihugu.

Muri vyo harimwo gupfungura abapfungiwe ivya politike, kwugurura urubuga rwa politike kuri bose, be n'ugutunganya gushasha abagize umurwi ujejwe amatora mu Burundi.

Basavye kandi guhagarika imitahe mpuzamakungu yasohorewe bamwe muri bo, bakongera bagasaba ko hotegurwa umurwi w'abajejwe umutekano uzoba ujejwe kubakingira, n'ibindi.

BBC yashatse kumenya ivyo umuhuza yoba yaremereye abo banyepolitike kuri ivyo bibazo vyabo, ariko ibiro vyiwe bikaba bitashimye kugira ico bishikirije.

Onesime Nduwimana 'Hari abaterekwa ibiganiro'

Hagati aho, Onesime Nduwimana yari mu ntumwa z'abo banyepolitike bahuriye muri CNARED yabwiye BBC ko habaye ibiganiro hagati y'intumwa zirungitswe n'umukuru w'igihugu ubwiwe zirongowe n'umuhuza Edouard Nduwimana.

Ati: "Ntibwari n'ubwa mbere kuko uwo mubonano wari ukurikiye iyindi mibonano yabaye, irongowe n'uyo muhuza nyene".

Onesime Nduwimana yemeza ko ibibazo vyose baganiriyeko bari bavyumvikanyeko, kandi ko na leta yari yemeye kubishira mu ngiro, ariko ko hari akarwi k'abantu bari ku butegetsi kadashaka gutahura ivyo bumvikanyeko.

Ati: "Leta yari yavyemeye ko izobikora, ariko ubu twagiye kumenya ko iyo leta atari imwe, hari abakora ivyo bashatse, badashaka ko igihugu kiva mu ngorane kirimwo".

Avuga ko ivyo bitumwa n'uko mu bari ku butegetsi hariho abatemera guhiganwa n'abandi, akavuga ko ari kubera batinya gutakaza inyungu zabo.

Onésime Nduwimana abona ko Perezida Petero Nkurunziza yatakaje igice c'ubutegetsi kuva atwaye ikiringo avuga ko ari ica kabiri yitorewe n'abanyagihugu ubwabo, ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakavuga ko ari ikiringo ca gatatu.

Ati: "Kuva Nkurunziza yiyemeje gutwara ikiringo ca gatatu abarundi n'amakungu basemerera, hari akamanyu k'ubutegetsi yiyatse, kuko mu bari kumwe na we ku butegetsi hari abamubwira bati 'nitwe twakugumije aho, ntushobora gukora ikintu tutaguhereye uruhusha'."

Onesime Nduwimana abona ko ako yita akarwi k'abari ku butegetsi ariko kaboheye amaboko imugongo igihugu,akavuga ko gakeneye kugondozwa kugira ngo ivyo bumvikanyeko bije mu ngiro, maze nabo bashobore gutaha.

Hagati aho, iryo tangazo ry'umuhuza rivuga ko umuhuza w'Abarundi yabakuriye inkoni ku gishitsi y'uko uwo mubonano n'ibiro vyiwe ariwo wa nyuma, anababwira ko iyindi ishobora gutunganywa inyuma y'amatora ya 2020.