Perezida Nkurunziza w'u Burundi hari ivyo asaba amadini kwirinda, rimwe rivuga ko 'rizovuga ukuri'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Petero Nkurunziza w'Uburundi asaba abarongoye amadini ko bokwirinda kugwa mu mutego muri kino gihe u Burundi buriko bwitegurira amatora yo mu mwaka uza wa 2020.
Amwe mu madini nka Ekleziya Katolika yoyo ivuga ko bigisha iyobokamana ariko ryerekeye n'ivyo abantu barimwo.
Mw'ijambo ryiwe yashikirije yibuka imyaka ine amaze atowe n'abanyagihugu ubwabo ku ncuro ya kabiri, Bwana Nkurunziza avuga ko bokwirinda "kugwa mu mutego w'abahanuzi b'ibinyoma n'inyigisho zikomoka hanze" avuga ko zitajanye n'ivy'Imana.
Bwana Nkurunziza avuga ati: "Si ivy'imbeshere, bamwe mu bakozi b'Imana baraguye, abandi barakomereka bongera bakomeretsa abayoboke babo; babera umuzimagiza abo bajejwe aho kubabera urumuri n'icitegererezo".
Ntadoma urutoke kw'idini iri canke ririya, gusa Ekleziya Katolika ni yo ikunze kwagirizwa ko yivanga mu vya politike.
Bavuga ko ibi ibikora cane cane mu gihe ishikiriza aho ihagaze ku biraba ubuzima bw'igihugu mu butumwa bukunda gusomwa mu masengero yose ya Katolika mu gihugu.
Abasenyeri ba Katolika bobo bamenyesha ko ata nyigisho za politike batanga, ahubwo ko bigisha iyobokamana ariko ryerekeye n'ivyo abantu barimwo "kuko iyobokamana rirangukira mu buzima bw'abantu".
Mu ndwi iheze, mu birori vy'uguhimbaza umunsi mukuru wa Assomption, Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka, yasavye abarongoye Ekleziya Katolika kuguma hagati na hagati, ntiberekane aho bahagaze mu vya politike kuko ngo bitsitaza abakirisu.
Mu kumwishura, Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, Yohakimu Ntahondereye, yamenyesheje ko bazovuga ijambo ry'Imana uko riri ata gucisha iruhande, "n'aho hari aho rigera rikababaza".










