Amashengero mu Burundi ngo ntazosubire gutanga ubutumwa bwa politike mu gihe himirije amatora

Umupatiri ariko arasangiza umukristu i Bujumbura mu 2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ishengero gatolika ryagirizwa kuvanga politike n'ijambo ry'Imana

Umuryango nyafurika w'ivugabutumwa, Ministere Africain de la Compassion, MAC, wasavye ko amashengero atosubira kwigisha ubutumwa bujanye na politike mu Burundi mu gihe bitegurira amatora ya 2020.

Umuyobozi wa MAC, Aime Pascal Nduwimana, avuga ko ubutumwa nk'ubwo akenshi bugaruka ku masezerano ya Arusha, wasanga butangwa muri kiliziya gatorika mu 2015.

Ngo buri mu vyakuruye imigumuko muri uwo mwaka inyuma y'aho Prezida Pierre Nkurunziza atangarije ko azosubira kwitoza.

Bwana Nduwimana yagize ati: "Mu 2015 baravuga cane ibintu vya Arusha mu mashengero hamwe abantu usanga mbere banabuze ingene batandukanye Umusenyeri, umuntu asenga Imana, n'umunyamugambwe.

"Abantu birabacanga cane mbere ugaca usanga umengo mw'isengero habaye nko muri permanance mu mugambwe"

Ijambo rya Musenyeri Ntamwana.

Umuyobozi wa MAC yabandanije avuga ko bashimikira ku majambo y'umwepiskopi wa diyoseze ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana.

Iryo jambo ngo yaribwiye abayoboke bo mw'ishengero ryiwe muri paruwasi ya Nyabiraba, ngo ababwira ati twagira tubabwire ko Nkurunziza arangije ibiringo vyiwe, ati hamwe yokwisubiriza kandi ntitwovyemera twoba tubaye abaja.

Bwana Nduwimana abandanya agira ati: "Ivyo yabivuze mu mwaka wa 2014 ushira 2015. Ivyo rero vyarababaje abantu kuko ivyabaye mu wa 2015, haciye haza imigwi ivuga ngo 'sindumuja'.

Musenyeri Simoni Ntamwana

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Musenyeri Simoni Ntamwana bivugwa ko ari we yavuze ijambo mu mpera z'umwaka wa 2014, aho ngo yoba yaravuze ko kwemera ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza kwoba ari "kuba umuja"

"Aba 'jeunes' baragumuka cane kuko bavuga bati uwaduteye akamo ni umwungere, ni umwepiskopi, ayaga n'Imana, kumbure Imana yamutumye ati mukamutora mwoba muri abaja."

Gatolika mu Burundi ivuga ko ari uburenganzira bwayo

Mu gusubiza kuri ivyo bivugwa na MAC, ishengero Gatolika ryavuze ko mu gihe ryemewe n'amategeko mu Burundi rifise uburenganzira bwo kwigisha nk'uko risanzwe ribigira.

Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, Musenyeri Joachim Ntahondereye, yabwiye BBC ko bigisha ijambo ry'Imana ariko rikajana n'ibihe abantu barimwo.

Musenyeri Nyahondereye yagize ati: "Turigisha iyobokamana mugabo ryerekeye n'ivyo abantu barimwo, kuko iyobokamana rirangukira mu buzima bw'abantu.

"Abantu nibo bakeneye kurya, bakeneye aho baba heza bagakenera n'indinganizo nziza y'imibano n'ubutegetsi. Rero nico gituma mu kwigisha kwacu tutaguma tuvuga gusa ngo Imana iriho, kuko ivyo n'amashetani arabizi. Iyobokamana rirangukira mu nyifato y'abantu no mu ngendo yabo."

"Nta ntumbero yo kwigisha politike"

Abajijwe niba gutanga ubutuma bwa politike burimwo nk'ivyamasezerano ya Arusha bitoteza ikibazo mu gihe abaje gusenga baba bavuye mu migambwe itandukanye, Musenyeri Ntahondereye yagize ati: "Twebwe ntituba dutumbereye kwigisha politike, tuba dutumbereye kwigisha iyobokamana."

"... [iyobokamana] ryiza kandi rirangukira mu kuntu abantu bifata n'ingingo bafata zerekeye ubuzima bwa benewabo."

Abajijwe kandi niba badatinya ko Gatolika yofatirwa ivyemezo, Musenyeri Ntahondereye yavuze ko bishoboka ngo kandi ntibwoba ari ubwa mbere bibaye muri kahise k'ishengero Gatolika mu Burundi.

Ntivyari bisanzwe ko ishengero Gatolika, rifatwa nk'irikomeye mu mashengero y'abakristu mu Burundi, rishirwa mu majambo n'abaryagiriza kwivanga muri politike.

Mu Burundi abakristu bagize ibice bishika 90% vy'abemera Imana bavuga ko ari Abakristu, benshi muri abo bakaba ari abagatolika.