Abayobozi ba Gatolika mu Burundi basaba ibiganiro

Ahavuye isanamu, AP
Abayobozi ba ekleziya Gatolika mu Burundi baheruka guhamagarira abanyepolitike n'abandi begwa n'ikibazo c'ubuzima bw'igihugu kwicarana mu biganiro.
Abo bayobozi bavuga ko vyoba vyiza ivyo biganiro bibaye vuba.
Umukuru w'inama y'abepiskopi mu Burundi, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, yabwiye BBC ko n'ubwo bavuga ko ari abahanuzi gusa badategeka, ngo babona uruhara rw'umuhuza rwoba ngirakamaro kurusha umworoshabikorwa canke facitateur.
Umugwi utavuga rumwe na leta ukorera mu mahanga, CENARED, wama wasemereye usaba leta kuganira, ukanemanga ko uzokora ibishoboka vyose ngo Prezida Nkurunziza ave ku butegetsi ngo kuko yabugiyeko hahonyowe amategeko.
Leta y'u Burundi nayo ivuga ko mubo yoganira nabo CENARED itarimwo ngo kuko mu bayigize harimwo abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.
Leta y'u Burundi kandi ivuga ko yoyo ibiganiro yabikoze ngo kandi leta iriho ni iy'ubumwe, ariko abayobozi ba Gatolika bakavuga ko mu gihe ubwicanyi budahagarara mu Burundi, vyerekana ko leta yaganiriye n'abatari bo.






