Katolika mu Burundi isabwa kutagira aho yegamiye nayo yishura ko izovuga ukuri

Ahavuye isanamu, @nshingamateka
Leta y'u Burundi irasaba abarongoye Ekleziya Katolika ko batokwerekana aho bahengamiye muvya politike mu nyigisho batanga muri kino kiringo Uburundi bwitegurira amatora ya 2020.
Mw'ijambo yashikirije mu birori vy'uguhimbaza umunsi mukuru wa Assomption kw'izina rya Leta ejo ku wa gatanu i Mugera, umukuru w'inama nshingamateka y'Uburundi asaba abarongoye Ekleziya Katolika kuguma hagati na hagati.
Ekleziya Katolika yoyo ivuga ko ishikiriza ijambo ry'Imana uko riri.
Pascal Nyabenda, umukuru w'inama nshingamateka avuga ko werekanye aho uhengamiye muvya politike biratsitaza abakristu.
Avuga ati: "Umwe wese hano arafise ikiri ku mutima, mugabo iyo tuje mw'isengero twipfuza ko twumva ijambo ry'Imana riduhumuriza, ibisigaye vya politike bihurira hirya no hino turafise iyo tuvyumvira".
Ukuri kurababaza
Yishura ku vyari bihejeje gushikirizwa, Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi yamenyesheje ko bazovuga ijambo ry'Imana uko riri ata gucisha iruhande.
Musenyeri Yohakimu Ntahondereye ati: "Kubera rivuga ukuri, ijambo ry'Imana hari aho rigera rikababaza, rikamera nka wa mugera w'ukumena igihute, kandi ntidushobora gucisha iruhande".

Ahavuye isanamu, @nshingamateka
Mu kwezi kwa gatandatu kw'uno mwaka, umukuru w'umuryango wa Afrika w'ivugabutumwa wasavye ko amashengero atosubira kwigisha ubutumwa bujanye na politike mu Burundi mu gihe bitegurira amatora ya 2020.
Uwurongoye iryo shirahamwe, Aime Pascal Nduwimana, yavuze ko ubutumwa nk'ubwo butuma abantu babura ico bafata n'ico bareka, bamwe bakabona "umengo mw'isengero habaye nko muri permanance mu mugambwe".
Ishengero Katolika ryoryo rivuga ko mu gihe ryemewe n'amategeko mu Burundi rifise uburenganzira bwo kwigisha ijambo ry'Imana nk'uko risanzwe ribigira, ariko rikajana n'ibihe abantu barimwo.
Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, Musenyeri Joachim Ntahondereye, yabwiye BBC ko bigisha ijambo ry'Imana ariko rikajana n'ibihe abantu barimwo.










