'Yaranyitse atanavuze': Abagore batewe inda bagatabwa n'ingabo za ONU i Goma

    • Umwanditsi, Ian Wafula
    • Igikorwa, BBC News

Ku zuba rimena imbwa agahanga n'ikirere kibi, Dimitri (si ryo zina ryiwe bwite) w'imyaka 12, yinyegeje mu kazu k'amabati ka nyina wiwe mu gace ka Birere ko mu gisagara ca Goma mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo).

Igihe yavugana na BBC imbere y'uko Goma ifatwa n'inyeshamba za M23, nyina wiwe, Kamate Bibiche, yagize ati: "Ntashaka guhura n'abandi bana bamucokora kubera imishatsi yiwe y'irende yizingazinze n'uruhu rwiwe rweragurika."

Ati: "(Dimitri) ni Umurusiya, ariko ashobora kutazobaho mu buzima bw'amamuko yiwe nyayo."

Dimitri ni icibutso c'iragi ribabaje ryasizwe n'Ubutumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro muri RD Congo (MONUSCO).

Kuva zirungitswe muri iki gihugu mu mpera z'umwaka w'1999, ingabo z'ubu butumwa zagiye zagirizwa ibikorwa vy'ubuhumbu n'ihohotera rishingiye ku gitsina ku bagore n'abakobwa bakiri bato.

Kamate abanza gukekeranya imbere y'uko asohora agasandugu kuzuye inkungugu kari kanyegeje kure cane musi y'igitanda.

Karimwo ibintu vyonyene yibukira kuri Yuriy, umugabo avuga ko ari se wa Dimitri. Karimwo inkofero ya gisirikare yambawe n'ifoto ishaje y'aba babiri bari kumwe.

Kamate yahuye na Yuriy mw'ijoro basohotse, akavuga ko yakunze uno mugabo kubera ukuntu yari atekereje (acisha make). Barakundanye mu kiringo c'amezi atatu.

Mu vyo yibuka, Kamate agira ati: "Ntiyari ameze nk'abandi bagabo. Yarankunda kandi yamfata neza cane. Ni amezi atatu y'umunezero ntari bwigere ngira."

Yuriy, co kimwe n'izindi ngabo nyinshi zo kubungabunga amahoro zagiraniye ubucuti n'abanyagihugu bo muri ako akarere, nta vyinshi yashize ahabona ku bijanye n'amamuko yiwe n'ibimuranga nyavyo.

Kamate ati: "Yari ingabo ya ONU ijejwe kubungabunga amahoro.

"Yaramenye ko nari mfise inda kandi yaremeye ko yari kudufasha. Ariko mu nyuma yaranyitse atanavuze, nk'uko umengo ntaco twari tumaze kuri we".

Avuga ko ata nzira n'imwe ihari yo gushikira umukunzi wiwe w'Umurusiya, kubera inomero ya terefone yakoresha itagikora.

Gukoresha igihagararo

Nubwo Kamate yakundanye n'iyi ngabo ata gahato, mu ngingo y'ishirahamwe ONU yemejwe n'inama nkuru mu 2005, ibi biracafatwa nk'inyifato itabereye.

Iyi ngingo yemeza ko hari itandukaniro ridasanzwe ry'ububasha hagati y'abakozi ba ONU n'abanyagihugu baba mu turere turi mu ngorane, ibishobora gutuma imibonano mpuzabitsina iyo ari yo yose ifatwa ko itabereye, nubwo vyoba biboneka ko habaye umwumvikano.

Iyi ngingo isaba ishimitse ibihugu bigize ONU gutunganiriza abakorewe ibi bikorwa mu gushengeza ababibakoreye bamaze gusubirwa mu bihugu vyabo.

Abajijwe iyo umukunzi wa Kamate ari, umuvugizi wa MONUSCO Ndèye Lo yabwiye BBC Russian, igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'Ikirusiya, ko ata ngabo z'Uburusiya ziri mu butumwa, kiretse "abapolisi bakeya n'abandi bakozi bakorera ku cicaro cayo".

Avuga ko ubu butumwa budashobora gutanga uburenganzira bwo gushikira amakuru y'ingabo kanaka zari mu butumwa mu 2012 "ku mvo z'amategeko".

BBC yaragerageje guhiga Yuriy, harimwo no ku mbuga hwaniro zikoresha Ikirusiya, ariko ntiyashoboye kumutora.

Ibirego bihambaye

Akarere k'ubuseruko bwa RD Congo kamaze imyaka mirongo mu ndyane, aho ingabo z'igihugu zihanganye n'inyeshamba zishaka kwiganzira aka karere gatunze ubutare bwinshi.

Muri Nzero (1), Goma yarafashwe n'inyeshamba za M23 zifashwe mu mugongo n'Urwanda, ivyo iki gihugu camye gihakana. Abantu bababa 7000 barapfiriye mu ntambara igihe uno muhari wafata iki gisagara, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji wa mbere wa RD Congo.

Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu barenga imiriyoni umunani bateshejwe izabo ubu, kimwe mu bitigiri vya mbere binini kw'isi vy'abataye izabo. Abanyagihugu benshi bahanganye n'ubukene butagira izina n'ubukene vy'ivya nkenerwa nk'imfungurwa, amazi n'uburaro, ibi bigatuma abagore n'abakobwa bisanga bakoreshwa mu bikorwa vy'ubuhumbu.

Igihe BBC yavugisha Maria Masika (si ryo zina ryiwe nyaryo), yari ashitse i Goma avuye i Sake, igisagara kiri mu buraruko bw'uno mugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.

Ingabo za reta muri ico gisagara zari zimaze imisi zitana mu mitwe n'inyeshamba, ariko zahavuye zitsindwa. Maria yaboneka ko yari atekewe n'ubwoba kubera intambara yari yiboneye.

'Yari azi ko nari umwana muto'

Masika yari yaje i Goma kuraba umwana wiwe w'umukobwa w'imyaka umunani yitwa Queen abana na inakuru wiwe muri ico gisagara ku mvo z'umutekano.

Ku myaka 17, Masika yafatanye n'ingabo ijejwe kubungabunga amahoro ya Afrika y'Epfo yari hafi y'ikigo c'ahitwa Minugugi.

Ati: "Yari azi ko nari umwana muto.

"Yakose inzu hafi y'ico kigo kandi buri gihe yaba ari mu karuhuko yama aza kundaba."

Queen amaze kuvuka, ino ngabo ntiyasubiye kuboneka, isiga Masika yirwanako wenyene.

Avuga ko ubu ubuzima bwiwe bushobora kugwa mu kaga kubera abeshejweho no kugurisha umubiri wiwe i Sake mu kwita ku rutare kugira ngo umukobwa wiwe ashobore kuronka ivya nkenerwa.

Kibajijwe ibijanye n'iyi mibonano hagati y'ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro n'ababa mu karere, igisirikare ca Afrika y'Epfo kivuga ko gifata nka nkama ibi birego.

Umuvugizi waco, Siphiwe Dlamini, avuga ati: "Imanza za gisirikare ziracibwa ku rubuga mu karere ingabo zikoreramwo ubu butumwa iyo hari ibimenyetso nyavyo vy'ubuhumbu n'ihohotera rishingiye ku gitsina, harimwo n'ibindi vyaha vy'ubutandero."

Ku kigo 'Family for Joy'co muri RD Congo, ikigo c'irerero ry'abana batawe hamwe n'imfuvyi, bivugwa ko abana nibura batanu bavyawe n'ingabo za MONUSCO mu nyuma ba nyina babo bakabata.

Nelly Kyeya arongoye iki kigo agira ati: "Turi kumwe n'abo dukorana, dufasha abagore n'abakobwa bababa 200 bakoreshejwe n'abakozi ba MONUSCO mu bikorwa vy'ubuhumbu.

"Benshi muri bo baranenwa cane mu kibano kubera bishoye mu bumaraya. Uku kwirukanwa mu muryango gutuma kenshi bata abana babo."

Sandrine Lusamba, umuhuzabikorwa wa SOFEPADI (Solidarité Féminine pour la Paix et le Développement Intégral), ishirahamwe riharanira uburenganzira bw'abakenyezi muri RD Congo, yabwiye BBC ko benshi mu bagirizwa ivyaha vy'ubushurashuzi badakurikiranwa kubera ko ONU ata bubasha ifise bwo kubakurikirana yo nyene.

Avuga ko ibihugu vyinshi bidafasha mu gukurikirana abasirikare bavyo mu butungane.

Icegeranyo ca ONU muri Ntwarante (3) 2024 cerekana ukwiyongera kw'ibirego vy'ubuhumbu n'ihohotera rishingiye ku gitsina bifitaniye isano n'ubutumwa bwo kubungabunga amahoro hamwe n'ubutumwa budasanzwe bwa poritike.

Mu 2023, ibirego ijana ku butumwa bwo kubungabunga amahoro hamwe n'ubutumwa budasanzwe bwa poritike, igitigiri gisumba ico mu 2022 cagera ku 79. Abakorewe aya mabi ni 143, barimwo abakuze 115 hamwe n'abana 28, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU.

Aha ni ukumenya ko 66 muri ibi birego 100 vyari kuri MONUSCO – harimwo n'icahoze kizwi nka MONUC (Mission de l'Organisation des Nations Unies en République Démocratique du Congo) – ibi bigatera amakenga ku kungene abakora ivyaha muri ubu butumwa bashobora gukurikiranwa.

Poritike yo kutihanganira abakora ivyaha

Umuvugizi wa MONUSCO, Ndèye Lo, avuga ati: "Iyo turonse amakuru yerekeye ibirego vy'ubuhumbu n'ihohotera rishingiye ku gitsina, aya makuru arasuzumwa, hagafatwa ingingo nyazo.

"Umukozi uwo ari we wese yagirijwe bikagaragara ko ivyo yagirizwa ari ukuri, tuzomushira ku rutonde rw'abakoze nabi, kandi ntazosubira guhabwa akazi (ka gisivire) canke ngo asubire kurungikwa mu butumwa (bw'ingabo)."

Ubu butumwa buvuga ko bufasha abavugwa ko bakorewe aya mabi hamwe n'abana babo, biciye mu kigega co gufasha abakorewe amabi kizwi nka Victim Assistance Trust Fund, mu kubaha inyigisho zo kubafasha kwitunga mu buzima, hamwe no kubashira mu mashure.

Ariko abagore n'abakobwa benshi nka Kamate na Maria bavuga ko batari bazi ko ubu bufasha buhari, mu gihe abandi bakiri mw'ihahamuka ku buryo bibagora kwitura ubutungane.