Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: ONU yahagaritse amatohoza ku mabi yakorewe mu buseruko 'kubera ubukene bw'amafaranga'
Umurwi w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu OHCHR washinzwe kugira ngo ukore amatohoza ku vyaha vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo wahagaritse ibikorwa mu kiringo kitazwi kubera ubukene bw'amafaranga.
Mu ndwi iheze, vyabaye ngombwa ko iri shami rijejwe agateka ka muntu muri ONU ritangaza ko ribaye rirahagaritse ibikorwa vyaryo vyo gutohoza ku mabi yakozwe kuva mu kwa mbere 2022 mu buseruko bwa DR Congo.
Ni ingingo ifashwe na OHCHR ahanini bivuye ku cemezo ca Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo kugabanya amahera iki gihugu cari gisanzwe gitanga nk'imfashanyo mpuzamakungu.
Muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, intumwa z'ibihugu mu nama ku cicaro c'iri shami i Genève mu Buswisi zashizeho umurwi ugizwe n'abahinga batatu wo kwegeranya ivyemezo ku bwicanyi, ihohotera rishingiye ku gitsina n'ayandi mabi, vyakozwe mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo – igihe imigwa mikuru yazo Goma na Bukavu yigarurirwa n'inyeshamba za M23.
Uno murwi wagenwe imiriyoni zishika 3.9 z'amadorari y'Abanyamerika, ico gihe ukaba waronkejwe ubwo nyene imiriyoni 1.1 z'amadorari avuye mu kigega c'iryo shami kugira ngo ube utanguye ibikorwa.
Umukuru w'iri shami, Volker Türk, avuga ko aya mafaranga yatumye hegeranywa "ivyemezo vyinshi bivuye ku bakorewe amabi hamwe no ku vyabona muri RD Congo, mu Rwanda no mu Burundi, eka no mu bindi bihugu".
Mu rwandiko rwabonywe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters mu ndwi iheze, Türk yamenyesheje ko uno murwi udashobora gukora "gushika - kandi kiretse – habonetse aya mafaranga".
Nayo mu butumwa muravyo (email) bwarungikiwe iradiyo y'Abafaransa RFI, Türk yavuze ko ababajwe no kubona intego y'uno murwi idashobora gushikwako "kubera igabanuka ry'interarano zategerezwa gushika ku miriyoni 60 z'amadorari y'Abanyamerika gushika mu 2024".
Yabandanije ati: "Ikiriho gusa ni uko tudashobora gutangura igikorwa c'umurwi ujejwe amatohoza nk'uko vyari bitegekanijwe".
Mu mwaka uheze, ku miriyoni 36 z'amadorari y'Abanyamerika, Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ni yo yatanga intererano ya mbere nini muri iri shami, ariko gushika mu mpera z'ukwezi kwa Rusama(5) uno mwaka, nta rufaranga na rumwe yari bwatange.
Hagati aho, nubwo Volker Türk agabisha ko "igabanuka ry'intererano zihabwa ishami [arongoye] ritera intege abategetsi batwaza umukazo", abarongoye ishirahamwe ONU ntibarota bamanika amaboko: muri ubwo butumwa murayvyo barungikiye RFI, barahumuriza ko bitebe bitebuka ano matohoza azoruhira gutangura igihe cose bazoba baronkeye aya mafaranga.
Ku wa mbere w'indwi iheze, Alex El Jundi, umukuru w'igisata kijejwe amatohoza muri OHCHR, yabwiye akanama k'abagize OHCHR ko ari ibintu bibabaje afatiye ku matohoza y'intangamarara yerekana ubwicanyi ndengerabutungane n' "ihohotera ry'agahomerabunwa rishingiye ku gitsina", hamwe n'ibindi vyaha.
Avuga ko vyinshi muri ibi vyaha bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.
Umurwi ujejwe amatohoza ushobora gushira ahabona ivyemezo bishobora gufatirwako mu matohoza y'ibanze ashobora gukorwa n'amasentare nka sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC).
Intumwa ya Afrika y'Epfo muri iyo nama yavuze ko ugukwega amaguru mu gutanga iyi ntererano ari "ikosa rikomeye", intumwa ya RD Congo nayo yongerako y'uko bishobora gutuma haba ababona ko OHCHR ata kibanza kinini iha iri tohoza.
OHCHR yabwiye Reuters ko igiye gukora "ibishoboka vyose" kugira ngo ironke amahera akenewe kugira ngo ishobore gutanguza ibikorwa vy'uno murwi kuva mu 2026.
Mu mpera z'ukwa mbere, umuhari w'inyeshamba M23 uri mu runani Alliance Fleuve Congo (AFC) wigaruriye ibisagara bikuru bikuru vya Goma na Bukavu mu buseruko bwa RD Congo, bikavugwa ko hatikiriye abaharurwa mu bihumbi.
Umuvugizi wa reta ya Kinshasa Patrick Muyaya yagirije ingabo z'Urwanda na M23 ko bishe abasivire mu ntambara yo gufata Goma yavugwa ko yaguyemwo abasivire barenga 2.500, ivyo M23 yamiriye kure.
Bertrand Bisimwa umwe mu bakuru ba M23 yavuze ko ibiziga vyaboneka mu mabarabara ya Goma yari "ivy'abasirikare ba FARDC n'abakorana na bo", aha akaba yavuzemwo Wazalendo, FDLR, abacangero bava i Bulaya n'ingabo z'u Burundi, yemeza ko baguye ku rugamba.
Hamwe mu havugwa ko habereye ubwicanyi bw'agahomerabunwa ni nk'ahitwa Kasika havugwa igandagurwa ry'imisore itari mike M23 imaze gufata Goma.
Ahandi havugwa amabi y'agahomerabunwa ni nko kw'ibohero rikuru rya Goma mu gaturuturu ko ku wa 27 Nzero (1) 2025, aho umwe mu bagore bari bapfungiwemwo yabwiye BBC ukungene we n'abandi bagore bose barimwo bafashwe ku nguvu igihe abanyororo bari muri ryo bariko batoroka.
Igituma Muyaya yashize mw'ijwi Urwanda, ni uko rusanzwe rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23, ariko rwo rukaba rubandanya rubihakana, rukavuga ko rwo rufata ingingo zo gukingira imbibe zarwo kubera ingaruka rugirwako n'intambara ibera mu buseruko bwa RD Congo.
Ahubwo rwagiriza reta ya Congo ko ihaye indaro ikongera igakorana n'inyeshamba z'umuhari FDLR zirwanya reta yarwo, ivyo Kinshasa nayo ihakana, ikavuga ko ari urwitwazo rwa Kigali mu kuvogera ubutaka bwayo.