Kenya: Menya ingene uno mwana wo mu mashure y'intango yakunze gutera ibiti

    • Umwanditsi, Mary Isokariari
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru

Umwana w'umukobwa w'imyaka 14 asigaye ari rurangiranwa mu makungu kubera igikorwa ciwe co gukingira isi. Amaze guhura n'abakora ibikorwa nk'ivyo, nk'Umwami Charles [w'Ubwongereza] no gukorana na ba rurangiranwa nka Meji Alabi yatsindiye agashimwe ka Grammy n'uwahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru David Beckham mw'isekeza ryo kurwanya ihindagurika ry'ibihe.

Ellyanne Wanjiku Chlystun ntiyarenza imyaka ine igihe yiyumvamwo gukora kuri ico kibazo abikuye ku munya-Kenya wa mbere mu gutera ibiti akanibironkera agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel (Priz Nobel), umugore yigisha za kaminuza Wangari Maathai.

''Nariko ndakora umugambi mw'ishure ryo kwimenyereza (gardienne/kindergarten) ku bantu bakoze ibidasanzwe kw'isi, nka Martin Luther King, Nelson Mandela na Florence Nightingale.

"Ariko, Wangari Maathai, ico gitangaza c'umugore w'umunyakenya, yateye miriyoni z'ibiti mu kibano kugira akangurire abantu akamaro k'ibiti, ingene bishobora guteze imbere igihugu canke umugabane, niwe nafatiyeko,'' niko Ellyanne yabwiye BBC.

Umwigisha Maathai yaharaniye iciyumviro c'uko abagore, na cane cane mu bice vy'abirimizi, bashobora guteza imbere ibidukikije mu gutera ibiti kugira haboneke inkwi, amashamba areke guhona gutyo ubugaragwa ntibugume bwaguka.

Niwe yabaye umugore wa mbere w'umwirabure w'Umunyafrika yatsindiye agashimwe k'amahoro kititiriwe Nobel mu 2004.

Prof Maathai yatanguje umuhari w'ibidukikije ( Green Belt Movement) mu 1977. Wateye ibiti bigereranywa ko bishika miriyoni 45 muri Kenya gushika igihe yapfa mu 2011.

Kw'ishaka ryo guca mu makanda yiwe, Ellyanne yaciye aja imuhira kubwira nyina wiwe, Dorothy, ivyo yari ahejeje kumenya.

Ariko, nyina wiwe - yari asanzwe azi cane inkuru ya Prof Maathai, harimwo no guharanira uburenganzira bwa poritike mu guhangana n'intwaro y'uwari perezida Daniel arap Moi - yaragerageje kubimubuza.

Yibuka ingene bavuganye na nyina, Ellyanne agira ati: ''Navuze nti nshaka kumera nka we [Prof Maathai]. Ariko kubera mama amuzi kandi azi ingene yakubiswe, akababazwa kandi agapfungwa, yavuze ati: 'Oya, vyoba vyiza gusumba ubaye umunyamategeko canke umuganga hanyuma ukaja Harvard'.''

Ariko, uwo mwana yarashishikaye gushika aho nyina yemera ko ashobora kwigana uwo yabona nk'intwari yiwe.

''Ndibuka ico gihe ingene narya umucungwe canke indimu ngaca mfata imbuto... nkazitera hanyuma zigatangura kumera no kuzana amababi,'' nk'uko Ellyanne yibuka.

''Naciye nkunda ivyo nariko ndakora, nca ndatera ibindi vyinshi".

Ivyo vyatumye arondera kumenya ingene ibiti vyororwa.

''Dr Jane Njuguna, wo mu kigo ca Kenya kijejwe amashamba, yaranyigishije ivyo gutora igiti kijanye n'aho ushaka kugitera, igihe ushaka kugiterera, ibikoresho ukwiye gukoresha hamwe n'ivu wogiteramwo [Species Site Matching],'' niko avuga.

Afashijwe n'umuryango wiwe, Ellyanne yaciye ashinga ishirahamwe ritarondera inyungu z'amafaranga yise Children With Nature, mu 2017.

''Nciye kuri Children With Nature, nashaka kwigisha abana. Bamwe ntibazi ingene bashobora kugira ico bahinduye mu karere babamwo,'' niko Ellyanne avuga.

Avuga ko ubwiwe yateye ibiti 250.000 gushika mu 2020, ariko ko yubatse ''umuryango'' w'abakunzi b'ibiti - atari muri Kenya honyene ahubwo no mu makungu - ko bose hamwe barenze ihangiro rya miriyoni imwe n'ibihumbi 300 (miriyoni 1,3).

''Narateye ibiti kw'isi yose mu bihugu maze gutemberamwo, harimwo Uganda, Pologne, Ubwongereza, Crater Lake muri Reta Zunze ubumwe za Amerika, Maroc na Mozambique,'' niko Ellyanne avuga, akabandanya ati: ''Ariko vyinshi muri ivyo biti nabiteye muri Kenya.''

Ariko yarasubiye inyuma mu gutera ibiti muri iyi myaka itatu kuko ari mu bikorwa vyinshi vyo guhimiriza kurwanya ihindagurika ry'ibihe.

''Akenshi ndaronka abamfasha kugira ndihe izo ngendo. Nk'umwana sinshobora kwirihira amatike, ariko niyo ndiko ndaja,'' niko Ellyanne avuga.

Ku kibazo c'ingene aronka umwanya wo kwiga n'uwo kuja muri ivyo bikorwa vy'irya n'ino kw'isi, uwo mwana w'umukobwa w'imyaka 14 yishura ati: '' Ishure gushika ubu riranyorohera cane kuko mfise amanota meza cane. Ndishima cane kandi na mama biramushimisha cane.''

Yaritavye ikoraniro kw'ihindagurika ry'ibihe i Dubai mu 2023, aho yahuye n'umwami w'Ubwongereza, hanyuma agashikiriza ijambo ryerekanye isano hagati y'ihindagurika ry'ibihe n'indwara ya malaria.

''Uko ikirere kigenda kirahindagurika, niko malaria igwirirana mu gihugu. Aho mba muri Kenya, malaria ubu isigaye irangwa ahantu itari izwi kera,'' niko Allyanne yabwiye abari bitavye.

Yaragarutse kuri ico kibazo muri video yasohowe n'ishirahamwe ry'abagiraneza ryo mu Bwongereza Malaria No More [Malaria Ntisubire kuvugwa].

Muri iyo video yahagarariwe na Alabi ikaba irimwo kandi na Beckham, Allyane niwe ashikiriza ikiganiro cerekana ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.

''Izuba ryarakaye, igicu kiguma gihindagurika, imyuzure y'akatabonetse, isi igangataye [inyotewe], ibiti biriko biragwa - igihuhusi nyaco co gukwiragiza indwara,'' niko Eliane avuga muri iyo sinema (film).

Hamwe n'abana bavuye mu yindi mihingo y'isi, yaragiye kandi no muri SaveOurWildlife [Tabara inyamaswa zacu], ikiganiro-nkuru catunganijwe na Sky News na Sky Kids FYI cerekeye ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe ku bikoko.

Carashizwe ku rutonde rw'ibihiganirwa agashimwe mu gisata c'abana mu birori Wildscreen Panda Awards, bivugwa ko ari nka Oscars z'ama sinema y'inyamaswa n'igisata c'imboneshakure, bizobera mu gisagara ca Bristol mu Bwongereza.

Muri ico kiganiro, Ellyanne avuga ku bikoko akunda -inzovu - akavuga ko uruzuba rutewe n'ihindagurika ry'ikirere ubu rugeramiye ukubaho kwazo kurusha abazihiga.

Ariko naho ubu yahindukiye akaja mu gisata ca sinema, yabwiye BBC ko agikunda cane ivyo gutera ibiti, kandi ko ategekanya kubisubira vuba.

''Indoto yanje nini kurusha izindi ni ugutera ibiti mu mugambi wa Afrika,'' niko Ellyanne avuga, afatiye ku mugambi wo guhagarika ubugaragwa bwa Sahara kuguma bwaguka mu gutera ibiti kuva muri Senegal mu burengero gushika muri Djibouti mu buseruko.

Kandi ashaka kuba inkabuzo mu gutera ibiti bingana na miriyaridi 1.000 (1.000.000.000.000) imbere y'uko ashikana imyaka 18 - ihangiro abona ko rishobora gushikwako.

''Narezwe mu nzira yo kwemera ko vyose bishoboka, na cane cane jewe nk'umuntu akiri muto.

''Raba ivyo GenZ bakoze ngaha muri Kenya, mu kwihagararako, barashoboye gutuma itegeko rigenga amafaranga rihebwa abagize reta bose nabo barakurwa,'' niko avuga, agatanga akarorero k'uwo afatirako Prof Maathai.

Ariko avuga ko ata mugambi afise wo kuja mu vya poritike nka Prof Maathai aho avuga ati: ''Nshaka guheza amashure y'intango hanyuma nje mu yisumbuye hanyuma kaminuza. Nshaka kwiga ibijanye n'ubutunzi, ivyo nta nkeka.''