Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingene kuduga ingazi bishobora kugirira akamaro umubiri n'ubwonko bwawe
Naho kenshi na kenshi tuba dushaka kuduga mw'igorofa dukoresheje 'ascenceur'/'lift', kuduga uciye ku ngazi birashobora kwongereza ukumera neza mu mutwe.
Uko ugenda utambuka, ni na ko ugenda wumva umenga urarushe. Itariki 3 z'ukwezi kwa Nyakanga(9) 2021, Sean Greasley yaraduze yongera amanuka imetero 8.849 mu masaha atagera ku 23, ahantu harehare uhagereranije hari gushobora kumushikana ku musozi wa mbere muremure kw'isi. Yarabize intuguta, araruha ku buryo atashobora no gutambuka. Ivyo kandi yabishoboye kubera guterwa intege n'abagenzi biwe.
Greasley afise umuhigo w'isi w'umwanya wo kuduga no kumanuka ahantu harehare hangana n'umusozi wa Everest, mu masaha 22, iminota 57 n'amasegunda 2.
Mu gihe Greasley yashoboye gukora ivyo ku ngazi zo ku nzu yiwe iri Las Vegas, hari abandi baduga gushika ahantu hagoye cane. Kwiruka ku munara nk'akarorera, bisaba kuduga ingazi nyinshi imbere mu magorofa maremare cane. Hari mbere n'ishirahamwe ryo kwiruka ku minara miremire kw'isi ku banonotsi b'incabwenge bagira mwene izo nkino zidasanzwe.
Benshi muri twebwe nkeka tutazoshika ahantu harehare nkaho, ariko kuza turaduga ingazi nke nke mu buzima bwacu bwa misi yose, yoba ari ingingo nziza yo gukurikiza. Ubushakashatsi bwerekana ko kuduga ingazi bishobora kugira akamaro gatangaje ku mubiri n'ubwonko - utarinze kuduga wisubiriza canke guca umuhigo.
Kuduga ingazi kurafasha kuguma uringaniye no kugabanya ingorane zo kuzungurirwa ukagwa hasi ku bantu bashaje, mu gihe kandi vyongereza inguvu. Ubundi bushakashatsi kandi bwerekana ko kuduga ingazi nke bishobora kugira ingaruka nziza, nko gutorera inyishu ibibazo, kwibuka no gukoresha ubwenge cane.
Co kimwe n'uburyo bwo kwinonora imitsi uri hasi, kuduga ingazi, n'aho wokoresha umwanya muto, birashobora gufasha kugabanya ingwara zifatira ku mutima n'imitsi. Ineza yo kwinonora imitsi uduga ingazi muhira irashobora kuba ingana no gukoresha ivyuma bifise ingazi bikoreshwa n'ababisanga aho biri mu nzu.
Ni akamenyero ka buri musi gafise ubushobozi bukomeye bwo gutuma umuntu agira amagara meza. Ingazi ziri ahantu henshi - tuzisanga muhira, ku kazi, hamwe no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Guhitamwo kuduga ingazi hakuduga muri 'ascenseur', tuba turiko turagira imyimenyerezo ngororamubiri ishobora kudufasha mu buzima bwacu.
"Ni imyimenyerezo umuntu uwo ari we wese ashobora gukora kuko tuyikora imisi yose," uko ni ko Alexis Marcotte-Chenard, umushakashatsi mu vyo ingwara zo mu mutima, igitigu n'imitsi muri kaminuza ya British Columbia i Kelowna muri Canada, avuga.
Alexis Marcotte-Chenard yize ibijanye no gukoresha imyimenyerezo n'ingaburo mu kwirinda ingwara y'umutima n'imitsi. Kuduga ingazi urashobora kubikora unyarutsa canke witonda utarinze gukenera ibikoresho canke amahera.
Ubushakashatsi ku bijanye n'ivy'imyimenyerezo, na vyo vyitwa "snacktivity," canke "VILPA" (ibikorwa vy'umubiri bikomeye ku magara), biriko biratera imbere uko abashakashatsi barondera umuti mwiza wo kwinonora imitsi kugira ngo barwanye ingeso zo kwicara n'ukudakora cane, ibishobora gutuma abantu bashika imiriyaridi 1.8 kw'isi yose bashobora kugwara.
N'ikihe gituma kuduga ingazi iba imyimenyerezo y'umubiri ifise akamaro?
Ica mbere, kuduga ingazi ni uburyo bworoshe bwo gutuma umutima wawe utera neza, ico kikaba ari ikintu nyamukuru cotuma umuntu amererwa neza mu mutwe. Ariko kuduga ingazi birafise akamaro kadasanzwe kuruta ubundi buryo bwo kwinonora imitsi.
Marcotte-Chenard asigura ati: "Kuduga ku ngazi bituma umutima utera cane kandi ugakoresha impwemu kuruta gutambuka wihuta, kubera gusa ko bigorana kugenda ugwana n'isumaku canke n'isi igukwega."
Kuduga ingazi birashobora kwongera ubunini n'inkomezi z'imitsi yawe y'amatako, kandi urakoresha n'imitsi yawe y'imbere mu nda kugira ngo uhagarare neza.
Nta n'uko ubwirizwa kwiruka uduga ku ngazi kugira ngo bikugirire akamaro. N'aho ari ukuri ko kuduga ingazi zibiri zibiri ica rimwe bishobora kuba bigoye cane kandi bisaba igikorwa kinini cane ku mitsi yegereye inyama ya kibizi n'ivi, ubushakashatsi bwakozwe ntibuvuga rumwe ku bijanye n'uko woba uturira ama 'calories' menshi mu gutera intambwe imwe ica rimwe.
Hariho n'iyindi mpamvu yo gukunda ingazi kuruta imashini y'ingazi: kumanuka ku ngazi.
Imitsi iri imbere y'amatako yawe iragabanuka mu nzira zibiri zitandukanye: iyo uduze ingazi, irituna (contraction concentrique) iyo umanutse ku ngazi, irarehuka(contraction eccentrique).
Andreas Stenling ni umwigisha mu bijanye n'isanamutima muri kaminuza ya Umeå muri Suède, yibanda ku bijanye n'isano ry'igihe kirekire riri hagati y'ugukora ibikorwa vy'umubiri n'amagara. We na bagenzi biwe bamaze igihe bariko bariga ingaruka zihita ziterwa n'ukuduga ingazi ku bushobozi butandukanye bwo gutahura ibintu mu bakiri bato.
Stenling asigura ati: "Uguhagarika no guhindura ni vyo bikorwa bibiri nyamukuru vy'ubumenyi twashimikiyeko ngaha. Ni ukuntu dushobora kuva ku gikorwa kimwe c'ubumenyi tuja ku kindi bitagoranye."
"Rero ni ukuva ku gikorwa kimwe uja ku kindi ataco ukeneye gusubiramwo mu bwenge bwawe, nk'uko twobivuga. Guhagarika ni ukuzibira amakuru ataco amaze mu gihe uriko urakora ico gikorwa."
Stenling asigura ko tumenya izo nshingano z'ubumenyi zihambaye mu kwiga, mu bikorwa vy'ubumenyi vy'amajambo, mu kwiyumvira ibintu bitaboneka, no mu bushobozi bwo kwicara wiyumvira ikintu kimwe.
"Kuduga amagorofa arenga atanu ku musi biratuma umuntu adashobora kurwara indwara y'umutima n'imitsi ya atherosclerotic."
Stenling na bagenzi we basanze imyimenyerezo yabo yo kuduga ku ngazi yatumye abayigize bagira ubushobozi bwo gutahura abayijemwo. Abaje muri iyo myimenyerezo na bo bumvise banezerewe kandi bafise inguvu nyinshi bamaze kuduga izo ngazi.
Ubundi bushakashatsi bwasohowe n'abashakashatsi bo mw'ishure ry'ubuvuzi rya kaminuza ya Yamaguchi mu Buyapani, na bwo nyene bwerekanye y'uko abantu baduga ingazi zibiri zibiri bashobora gutorera umuti ingorane kuruta abafata 'ascenseur'.
Ubundi bushakashatsi na bwo nyene bwakozwe n'uwo mugwi bwerekanye ko kumanuka ku ngazi bituma umuntu agira ivyiyumviro vy'ubuhinga, bikaba bituma umuntu agira ivyiyumviro bishasha vyinshi ku rugero rwa 61% kuruta abantu bafata 'ascenseur'. Rero, nimba uriko urarondera inkomezi mu gutorera umuti ingorane, urugendo rwihuta rwo kuduga no kumanuka ku ngazi rwoshobora kuba ari rwo rwonyene ukeneye.
Ariko n'aho iciyumviro co kugira intambwe 10.000 ku musi cashinze imizi mu bwenge bw'abantu bose nk'ikigereranyo co kwinonora imitsi ku musi ku musi, hoba hari intumbero nk'iyo dukwiye kuba twipfuza ku bijanye n'ingazi?